Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Nzero: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Ruhuhuma: Abamamaji boshobora gushikiriza kimwe muri ibi bikurikira: Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, La Bible : Parole de Dieu ou des hommes?, hamwe na Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? Ntwarante: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu.
◼ Guhera muri Ruhuhuma, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’umuzunguruko izoba ifise umutwe uvuga ngo “Ivyizigiro vyawe vyoba biri muri Yehova?”
◼ Guhera ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2012, integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi izoza irasohokamwo ikiganiro kivuga ngo “Ivyigwa vyanje vya Bibiliya.” Ni ikiganiro abavyeyi bazoza barakoresha mu kwigisha abana babo batarenza imyaka itatu, kikaba kizoza kirakurakuranwa na kimwe kivuga ngo “Niwigishe abana bawe” be n’ikivuga ngo “Ku bw’urwaruka.”