ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/12 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 1/12 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma

“Ku bwawe, Imana yoba ifise ishirahamwe canke ikorana gusa n’abantu umwe wese ukwiwe? [Rindira yishure.] Raba ico aha havuga ku bijanye n’abantu Imana yatunganije ikabagira ishirahamwe, ubu hakaba haciye imyaka myinshi.” Zingurura Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma ku prupapuro rwa 16, muce murabira hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru muce muvugana umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama

“Woba umaze kwibaza igituma habaye ivyago vy’ivyaduka vyinshi muri iyi myaka? [Rindira yishure.] Urazi? Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’igihe coranzwe n’ivyago vy’ivyaduka. [Soma Matayo 24:7, 8.] Iki kinyamakuru kirishura ibibazo bikurikira: Kubera iki hari ivyago vy’ivyaduka vyinshi cane muri iki gihe? Coba ari igihano c’Imana? Ni imvo izihe dufise zo kwizera yuko Imana vuba igiye gukuraho ivyago vy’ivyaduka vyose?”

Be maso! Nzero-Ntwarante

Vuga icago kivugwa mu makuru, uce umubaza uti: “Wibaza ko ari kubera iki Imana ireka ibintu nk’ivyo bigashika? [Rindira yishure.] Bibiliya yerekana ko Imana yumvira impuhwe abashikirwa n’imibabaro. [Soma Kuvayo 3:7.] Bibiliya iratubwira kandi igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro be n’uko vuba igiye kuyikuraho ubutakigaruka. Iki kinyamakuru kirabisigura.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika