Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 23 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 23 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 45 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 19 ing. 12-20, n’uruzitiro ku rup. 152 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 29-31 (Imin. 10)
No. 1: Yeremiya 31:15-26 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Imana yoba isaba abakirisu kwubahiriza isabato ya buri ndwi? (Imin. 5)
No. 3: Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye abamarayika bagararije (td 24C) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. Fata umunota umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biganiro vyo mu binyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero vyoshimisha abantu mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Imin. 15: “Twungukire bimwe bishitse ku kwiyigisha.” Ibibazo n’inyishu. Nuremeshe bose gutegekanya umwanya utomoye wo kwiyigisha, kugira ubushakashatsi no kuzirikana.
Imin. 10: “Ibiganiro mwokwihweza mu gihe c’Ugusenga kwo mu muryango.” Insiguro ishingiye ku biri mu ruzitiro rwo ku rupapuro rwa 28 rwo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2010. Nimba bishoboka mw’ishengero ryanyu, nubaze ibibazo muri make umuntu umwe yagiye gutemberera ibiro vy’ishami.
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho