Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1: Bava mu mwiza
Muri Bibiliya, ukuri kugereranywa n’umuco, ikinyoma na co kikagereranywa n’umwiza. (Zab. 43:3; Yes. 5:20) Shetani yarazanye umwiza mw’isi igihe yahenda Eva; yahavuye ata umuryango w’abantu mu mwiza w’umuzitanya. (Ivyah. 12:9) Videwo Les Témoins de Jéhovah— La foi en action, 1re partie : La sortie des ténèbres (Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1: Bava mu mwiza) yerekana ukuntu umuco wo mu vy’impwemu watanguye kwaka mu mwiza. (Yes. 60:1, 2) Umaze kurorera iyo videwo, ubona woshobora kwishura ibi bibazo?
(1) Umwiza w’umuzitanya watanguye gute inyuma y’urupfu rw’intumwa? (2) Kuva mu myaka ya 1100, ni ibiki vyabaye bigafasha abantu kubona yuko idini ryari ryarataye umurongo? (3) Henry Grew na George Storrs bari bande? (4) Ni ibiki vyabaye mu buzima bwa Charles Russell vyagize ico bimukozeko rwose? (5) Umuvukanyi Russell, se wiwe, n’abagenzi bakeyi bigira gute Bibiliya mu mugwi, kandi ni ivyiyumviro ibihe bishingiye ku Vyanditswe bashitseko? (6) Uwo mugwi wabo wo kwiga Bibiliya wahavuye uvangana gute n’umugwi wa Nelson Barbour, mugabo ni igiki catumye umuvukanyi Russell akuramwo akarenge? (7) Ni ibiki vyabaye muri Mukakaro 1879 bigatanguza ikiringo gishasha c’umuco wo mu vy’impwemu? (8) Inyuma y’aho, ni igiki Abatohoji ba Bibiliya batera biyongera bakoze kugira bakwiragize inkuru nziza? (9) Imyaka itari mike imbere y’igihe, ni igiki Abatohoji ba Bibiliya bari biteze ko cobaye mu 1914? (10) Ni ingorane izihe Abatohoji ba Bibiliya bahanganye na zo umuvukanyi Russell amaze gupfa? (11) Abatohoji ba Bibiliya bakoze iki umuvukanyi Rutherford na bagenziwe bamaze kurekurwa? (12) Ni gute iyo videwo yatumye urushiriza gutahura no gukenguruka ishirahamwe rya Yehova? (13) Iyo videwo yakomeje gute umwiyemezo wawe wo kubandanya wamamaza n’umwete naho hoba hari intambamyi? (14) Twokoresha gute iyo videwo mu gufasha incuti, abo twigana Bibiliya hamwe n’abandi?
Ese ukuntu abo Batohoji ba Bibiliya bo mu ntango badusigiye iragi ry’agaciro kanini mu vy’impwemu! Bari intwaramuco z’umutima rugabo kandi z’umwete mw’isi yari mu mwiza mu vy’impwemu. Nimuze tubigane, “[t]ubandanye kugenda nk’abana b’umuco.”—Ef. 5:8.