Imvo 12 zituma twamamaza
Kubera iki twamamaza inkuru nziza tukongera tukigisha? Imvo nyamukuru yoba ari iyo gufasha abantu b’imitima nziraburyarya guca mu nzira ijana mu buzima? (Mat. 7:14) Iyo ni yo mvo iza ubwa mbere mu zitondetswe aho munsi, ariko si yo nyamukuru. Muri izi imvo 12 zerekana igituma tuja mu busuku, ni iyihe wiyumvira ko ihambaye kurusha izindi?
1. Birafasha kurokora ubuzima.—Yoh. 17:3.
2. Biraburira ababisha.—Ezk. 3:18, 19.
3. Birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya.—Mat. 24:14.
4. Biragaragaza ubugororotsi bw’Imana. Yehova ntazoheza ngo yagirizwe ko yahoneje ababisha atabahaye akaryo ko kwigaya.—Ivyak. 17:30, 31; 1 Tim. 2:3, 4.
5. Biratuma dushobora gukurwako umwenda dufise wo gufasha abantu mu vy’impwemu, bano bakaba baguzwe amaraso ya Yezu.—Rom. 1:14, 15.
6. Biratuma tutagirwa n’amaraso.—Ivyak. 20:26, 27.
7. Biri mu vyo dusabwa kugira turonke ubukiriro.—Ezk. 3:19; Rom. 10:9, 10.
8. Biragaragaza urukundo dukunda abantu nkatwe.—Mat. 22:39.
9. Birerekana ko tugamburukira Yehova n’Umwana wiwe.—Mat. 28:19, 20.
10. Biri mu bigize ugusenga kwacu.—Heb. 13:15.
11. Birerekana ko dukunda Imana.—1 Yoh. 5:3.
12. Birafasha kweza izina rya Yehova.—Yes. 43:10-12; Mat. 6:9.
Ariko ntiwumve, hariho n’izindi mvo zituma tuja mu busuku. Nk’akarorero, birakomeza ukwizera kwacu bigatuma kandi duterwa agateka ko kuba abakozi bakorana n’Imana. (1 Kor. 3:9) Ariko imvo ihambaye kuruta izindi zose ituma tuja mu busuku ni iyo igira 12. Uko abantu bavyakira kwose, ubusuku burafasha kweza izina ry’Imana kandi bugatuma Yehova aronka ico yishura umwe amucokora. (Imig. 27:11) Vy’ukuri, turafise imvo zumvikana zo ‘kubandanya kwigisha no kumenyesha inkuru nziza tudatezura.’—Ivyak. 5:42.