Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ni igiki dukwiye kwibuka nimba dushaka ko amwamwe mu matungo yacu canke yose azohabwa ishirahamwe rya Yehova nitwapfa?
Iyo abantu bapfuye, nta bubasha baba bagifise ku matungo yabo. (Umus. 9:5, 6) Ku bw’ivyo, abenshi baratunganya icete c’iragi gisigura neza ingene bipfuza ko amatungo yabo azogabanganywa. (2 Abm. 20:1) Muri rusangi, urwo rwandiko rwemewe n’amategeko rurerekana kandi uwo nyene amatungo ashaka ko ari we azoraba ivy’ayo matungo. Mu bihugu vyinshi, igihe urwo rwandiko rutaba ruhari, abategetsi ni bo baca bafata ingingo y’ukuntu amatungo y’umuhisi yogabanganywa. Rero nimba hari ivyipfuzo binaka dufise ku bijanye n’amatungo yacu, tukaba nk’akarorero twipfuza ko amwe muri yo canke yose yohabwa ishirahamwe rya Yehova, birahambaye ko dutunganya urwandiko rwemewe n’amategeko rubitomora kandi tugahitamwo twitonze uwuzoraba ivy’ayo matungo.
Uwo muntu aba afise ibanga riremereye. Bivanye n’ukuntu nya matungo angana, kuyegeranya no guca ayagabanganya birashobora gusaba utuntu twinshi bigatwara n’umwanya. Vyongeye, abategetsi akenshi baba bafise ubuyobozi butegerezwa gukurikizwa. Si umuntu wese wo mw’ishengero aba ashoboye kurangura neza iryo banga. Umuntu duhitamwo akwiye kuba abishoboye, ari umwizigirwa kandi akaba yiteguriye gushitsa ivyipfuzo vyacu.—Raba ikiganiro kivuga ngo “ Préparer sa succession :une mesure sage ” (Ivyiza vyo gutegekanya ingene ivy’amatungo yawe bizogenda niwapfa) muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Kigarama 1998.
Igihe usabwe kuzoraba ivy’amatungo nyeneyo apfuye: Bakubajije nimba wokwemera kuzoba ari we ujejwe kuraba ivy’amatungo nyeneyo apfuye, banza witwararike guharura ico bizogusaba wongere uzirikane ujanishije n’isengesho niba ushoboye kurangura iryo banga. (Luka 14:28-32) Amaze gupfa, bizosaba ko umenyesha ivy’iryo ragi abo yerekanye ko ari bo bazobitorana. Umaze rero kuronka uburenganzira, uzoba ujejwe ibanga ryo kugabanganya nya matungo wisunze amategeko kandi ukurikije neza na neza icete c’iragi. Ukwiye kumenya yuko amatungo yaba menshi canke make udakwiye kwiha uburenganzira bwo gukora ibiteye kubiri n’ibiri muri ico cete. Amatungo yose ahawe urwego rwemewe n’amategeko rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova aba ari amatungo yegukira ishirahamwe rya Yehova.—Luka 16:10; 21:1-4.