Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 3 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 26 ing. 1-8, n’uruzitiro ku rup. 204 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 39-41 (Imin. 10)
No. 1: Ezekiyeli 40:17-31 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni mu buryo butandukanye ubuhe amaso yacu ashobora kutuzimiza?—Ita. 3:2-6 (Imin. 5)
No. 3: Imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana—td 30A (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ingene twofasha uwo tuganira kuzirikana—Igice ca 2. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 253 ingingo ya 3, gushika ku mpera y’urupapuro rwa 254. Nimugire umwerekano mugufi umwe canke ibiri, umwumwe wose ushimike ku ciyumviro kinaka mu vyavuzwe mu mayagwa.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Ukuntu twoshikiriza ibinyamakuru muri Nyakanga. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Fata amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru vyoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshikirizwa.
Ururirimbo rwa 34 n’isengesho