Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu mezi ya Nyakanga na Gitugutu: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimushikirize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mushikirize agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo na Kigarama: Abamamaji barashobora gushikiriza kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Ivyabona vya Yehova bemera iki?, Iyi Si Yoba Izorokoka?, Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?, Ugucumukura kwose kugiye kurangira, Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha, Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?, hamwe na Yehova—Ni Nde? Hagize uwushimishwa, numwereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa ukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke kamwe muri twa dutabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera.
◼ Insiguro idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2013 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 1 Ndamukiza. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 1 Ndamukiza.