‘Nushinge intahe inogangije’
1. Ni akarorero keza akahe intumwa Paulo yadusigiye ku bijanye n’ubusuku?
1 “Nukore ubusuku bwawe mu buryo bunogangije.” (2 Tim. 4:5, Byington) Nta gukeka ko intumwa Paulo yari afise umwidegemvyo wo kuvuga igihe yahimiriza Timoteyo akoresheje ayo majambo. Kanatsinda, hagati y’umwaka wa 47 n’uwa 56 G.C., Paulo yaragize ingendo zitatu z’ubumisiyonari. Igitabu c’Ivyakozwe kiravuga akatari gake ko Paulo yashinga “intahe inogangije.” (Ivyak. 23:11; 28:23) None ivyo twobigira gute muri iki gihe cacu?
2. Dushobora gute gushinga intahe inogangije igihe twamamaza inzu ku nzu?
2 Inzu ku nzu: Kugira ngo dushobore gushikira abantu batarigera bumva inkuru nziza, hari aho vyoba nkenerwa ko tubagendera mu biringo bitandukanye vy’umusi. Ba nyeninzu bashobora kuba bari i muhira mu masaha yo ku mugoroba canke mu mpera y’umushamvu. Turakwiye kwihatira kuyaga n’umuntu kuri buri muhana, tukaza turasubira kugendera imihana twasanze atari ho bari. Wokora iki none igihe utwigoro ugira two kurondera umuntu dusa n’aho ata co tuvamwo? Kumbure kumwandikira ikete canke kumuterefona vyoshobora kuvamwo ivyiza.
3. Ni uturyo utuhe ufise two kwamamaza ku mugaragaro be n’akaryo kizanye?
3 Ku mugaragaro be n’akaryo kizanye: Muri iki gihe abasavyi ba Yehova baramenyekanisha “ubukerebutsi nyakuri” ku babwumviriza bose. Rimwe na rimwe ivyo babigirira “mw’ibarabara” canke “mu bibanza vya bose.” (Imig. 1:20, 21) Igihe tugiye mu bikorwa vyacu vya misi yose, twoba twitegurira gushinga intahe? Vyoba vyoshobora kuvugwa ko turiko “[tura]fatīrwa cane na rya jambo”? (Ivyak. 18:5) Niba ari ukwo biri, turiko rero turashitsa ibanga tujejwe ryo “gushinga intahe inogangije.”—Ivyak. 10:42; 17:17; 20:20, 21, 24.
4. Isengesho be no kuzirikana bishobora gute kugira ico biterereye ku kuntu dushinga intahe inogangije?
4 Ariko rero, hari igihe twotinya gushinga intahe. kubera ubugoyagoye dusanganywe canke kubera turi abanyamasoni. Nta gukeka ko Yehova atahura aho ubushobozi bwacu bugarukira. (Zab. 103:14) Naho biri ukwo, igihe turonse mwene utwo turyo, turashobora kumusenga tumusaba umutima rugabo wo kuvuga. (Ivyak. 4:29, 31) Vyongeye, igihe turiko turiyigisha Ijambo ry’Imana twongera turizirikanako, turashobora kwitwararika cane ibijanye no kurushiriza gufatana uburemere agaciro gahebuje k’inkuru nziza. (Flp. 3:8) Ivyo bizotuma twamamaza iyo nkuru nziza tubigiranye umwete.
5. Ni gute twogira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yoweli?
5 Ubuhanuzi bwa Yoweli bwaravuze ko imbere y’uko umusi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova ushika, abasavyi b’Imana ‘bogumye bagenda’ kandi ntibemere ko hagira ikintu na kimwe kibabuza kwamamaza. (Yow. 2:2, 7-9) Ese twogira uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa co gushinga intahe kitazokwigera gisubirwamwo!