Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 18 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 18 RUHUHUMA
Ururirimbo rwa 52 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 5 ing. 13-18 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Mariko 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Mariko 2:18–3:6 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Abakirisu b’ukuri ntibaharika—td 37E (Imin. 5)
No. 3: Twotahura gute impanuro Paulo yatanze mu 1 Abakorinto 7:29-31? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Niwamamaze rya jambo mu gihe kigoye. (2 Tim. 4:2) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2012, urupapuro rwa 72, ingingo ya 1-2; urupapuro rwa 110; kuva ku rupapuro rwa 156, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 157, ingingo ya 1; n’urupapuro rwa 179, ingingo ya 4. Saba abumviriza bagire ico bavuze ku vyigwa bahigiye.
Imin. 15: “Isekeza ryo gutangaza Icibutso rizotangura ku wa 1 Ntwarante.” Ibibazo n’inyishu. Nimuronse agapapuro kamwe k’ubutumire umwe wese mu bari ng’aho, maze mwihweze ibiri muri ko. Igihe mwihweza ingingo ya 2, nusabe umucungezi w’umurimo avuge muri make intunganyo zagizwe aho iwanyu kugira ngo muzoheture icibare. Igihe mwihweza ingingo ya 3, nimugire umwerekano w’ukuntu ubwo butumire buzoshikirizwa, mwisunze uburyo bwo kubushikiriza bwatanzwe munsi y’ahavuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.”
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho