Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 25 Ruhuhuma 2013. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Kubera iki Yezu yavuze ko “abagandaye” bahiriwe? (Mat. 5:4) [7 Nzero, w09 15/2 rup. 6 ing. 6]
2. Muri rya sengesho ry’akarorero Yezu yigisha abigishwa biwe gusenga, yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Ntutujane mu kigeragezo”? (Mat. 6:13) [7 Nzero, w04 1/2 rup. 16 ing. 13]
3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kwerekana ko dufata nkama ubuyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere buri muri Matayo 10:9, 10? [Nzero 14, cf ikig. 9 ing. 11, 13]
4. Ca kigereranyo Yezu yatanze cerekeye agatete ka sinapi gishira ahabona ibintu bibiri ibihe? (Mat. 13:31, 32) [21 Nzero, w08 15/7 rup. 17-18 ing. 3-8]
5. Ni icigwa ikihe Yezu yariko arigisha igihe yavuga ati: “Nimutahinduka ngo mucike nk’abana batoyi, ntimuzogenda mwinjiye mu bwami bwo mw’ijuru”? (Mat. 18:3) [28 Nzero, w07 1/2 rup. 9 ing. 3-4]
6. Amajambo Yezu yavuze ngo “wewe ubwawe urabivuze” asobanura iki? (Mat. 26:63, 64) [11 Ruhuh., w11 1/6 rup. 18]
7. Ni kubera iki Yezu yitwa “Umukama mbere w’isabato”? (Mrk. 2:28) [18 Ruhuh., w08 15/2 rup. 28 ing. 7]
8. Ni kubera iki Yezu yishuye ukuraho ku bijanye na nyina wiwe na bene wabo, kandi ivyo bitwigisha iki? (Mrk. 3:31-35) [18 Ruhuh., w08 15/2 rup. 29 ing. 5]
9. Nk’uko bivugwa muri Mariko 8:22-25, ni igiki coba caratumye Yezu ahumura umuntu umwe w’impumyi intambwe ku yindi, kandi ivyo bitwigisha iki? [25 Ruhuh., w00 15/2 rup. 17 ing. 7]
10. Twokwigira iki ku kuntu Yezu yavyifashemwo igihe Petero yamuhambarira, nk’uko biri muri Mariko 8:32-34? [25 Ruhuh., w08 15/2 rup. 29 ing. 6]