Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 22 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 22 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 85 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 8 ing. 8-13 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Luka 18-21 (Imin. 10)
No. 1: Luka 18:18-34 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Abantu boba bashobora kuvugana n’incuti zabo zapfuye?—td 41C (Imin. 5)
No. 3: Ubutekereji ni iki, twoburondera gute, kandi kubera iki buhambaye?—Zef. 2:2, 3 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Raporo y’umurimo wo mu ndimiro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umunyamabanga w’ishengero. Nuvuge ukuntu abahagarikiye imigwi yo gusohoka mu ndimiro bafasha mu kwegeranya amaraporo y’abamamaji bo mu migwi yabo yo gusohoka mu ndimiro. Nukoreshe amayagwa ari mu gitabu Twagizwe ishirahamwe urupapuro rwa 85-87. Nushimike ku bijanye no gutanga raporo itagiramwo amakosa kandi ubudahorereza.
Imin. 20: “Umwisilamu uzomubwira iki?” Ibibazo n’inyishu. Nushimike ku kuntu bikenewe ko tuba abantu batahura igihe tuganira n’abantu tudasangiye imico kama. Nimugire umwerekano wateguwe neza.
Ururirimbo rwa 121 n’isengesho