ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/13 rup. 2-3
  • Niwumvirize wongere wige

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwumvirize wongere wige
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Woba witeguriye amazimano y’ivy’impwemu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • ‘Nutege Yompi Wongere Wakire Izindi Nyigisho’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • ‘Koranya abantu’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Nutege Ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 6/13 rup. 2-3

Niwumvirize wongere wige

1. Ni kubera iki utwigoro twiyongereye dukenewe kugira ngo umuntu yumvirize yongere yige kw’ihwaniro ry’intara?

1 Vuba amahwaniro y’intara yo mu 2013 agiye gutangura. Hari ibintu vyinshi vyakozwe kugira ngo hategurwe porogarama ihuye n’ivyo abantu bo kw’isi yose bakeneye muri iki gihe. Woba waratunganije ivyawe kugira ngo uzobe ari ho uri kuri iyo misi itatu yose iryo hwaniro rizomara? Amahwaniro maninimanini arashobora kubamwo ibintu vyinshi bisamaza, kikaba ari co gituma bisaba ko umuntu agira utwigoro twiyongereye kugira ngo akurikire neza porogarama. Kubera ko ibiringo vy’amahwaniro usanga ari birebire kuruta amakoraniro y’ishengero, bisaba ko umuntu amara umwanya muremure ariko arumviriza. Vyongeye, ingendo be n’ibindi bintu vyoshobora gutuma umuntu yumva arushe ku rugero runaka. None ni ibiki bizodufasha kuguma turi maso kugira ngo dushobore kwumviriza twongere twige?—Gus. 31:12.

2. Twotegura gute umutima wacu ku bw’ibizoshikirizwa kw’ihwaniro?

2 Imbere y’uko ihwaniro ritangura: Ku muhora wacu wo kuri Internet www.pr418.com hariko porogarama y’ihwaniro, ino ikaba iriko imitwe-shimikiro y’insiguro zose, umwumwe wose muri iyo mitwe ukaba uri kumwe n’icanditswe kimwe canke bibiri nyamukuru. Nimba dushobora kuronka Internet, kuraba ayo makuru imbere y’igihe bizodufasha gutegura umutima wacu ku bijanye n’ibizoshikirizwa. (Ezr. 7:10) Mu kiringo ca wa mugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, mubona gute mufashe akanya mukaganira kuri iyo porogarama y’ihwaniro twimirije kugira ngo bibafashe kwitegana umushasharo iryo hwaniro?

3. Ni ibiki bizodufasha kwumviriza twitonze?

3 Mu kiringo ca porogarama: Nimba bishoboka, nuje mu kazu ka surwumwe imbere y’uko ikiringo gitangura. Nuzimye telefone yawe kugira ngo ntusamazwe n’aboguterefona canke abokwandikira kibure ngo urondere kwandikira abandi mu kiringo ca porogarama. Nimba utegerezwa kuguma wakije telefone yawe, nuyiregere ku buryo itosamaza abandi mu gihe hogira uwuguterefona. Nimba ukoresha ka kuma ka elegitoronike bita tablette mu kiringo ca porogarama, nugakoreshe ku buryo udasamaza abandi. Niwirinde kurya canke kunywa mu kiringo ca porogarama. (Umus. 3:1) Nugume ushinze ijisho umushikirizansiguro. Igihe basomye icanditswe, nukurikire muri Bibiliya yawe. Nugire utwo wiyandikiye.

4. Abavyeyi bofasha gute abana babo kwumviriza no kwiga?

4 Twipfuza kandi ko abana bacu na bo bokwumviriza bakongera bakiga. Mu Migani 29:15 havuga hati: “Umwana arekeranwa azomaramaza nyina.” Ku bw’ivyo, ni vyiza ko abagize imiryango bicarana kugira ngo abavyeyi bashobore kwiyemeza neza ko abana babo bariko barakurikira porogarama aho kuguma bavuga, bandikiranira ubutumwa canke bagendagenda. Naho mbere abana boba bakiri bato cane ku buryo badatahura ibiba biriko biravugwa vyose, barashobora kumenyerezwa kuguma bari maso no kwicara batekanye.

5. Ni kubera iki bihambaye ko dusubira kwihweza ivyo twumvise, kandi ivyo twobigira gute?

5 Buri musi inyuma ya porogarama: Ntuterame cane. Nuryame kare kugira ngo uruhuke neza. Gusubira kwihweza ivyo mwumvise bizotuma mutavyibagira ningoga. Ku bw’ivyo, uko mugize umuryango vyoba vyiza buri mugoroba mufashe iminuta mikeyi mukaganira ivyo mwumvise. Igihe ugiye mw’iresitora uri kumwe n’abagenzi, ubona gute witwaje ivyo wanditse kugira ngo ushobore kubwira abandi iciyumviro kimwe canke bibiri washimye cane? Mumaze gusubira i muhira inyuma y’ihwaniro, mukwiye gufata akanya mu mugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango mukaganira ukuntu uko mugize umuryango mwoshira mu ngiro ivyo mwize. Mukwiye kandi gufata akanya buri ndwi mukarimbura igihimba kinaka c’ivyasohowe kw’ihwaniro.

6. Kuba gusa uri kw’ihwaniro vyoba bihagije? Sigura.

6 Inzimano nta co zoba zimaze umuntu adafunguye ivyateguwe kandi ngo umushishito ubisye maze umubiri uvyungukireko. Ukwo ni ko vyogenda no ku bijanye n’inzimano zo mu buryo bw’impwemu zizotangwa kw’ihwaniro ry’intara. Ese twokwungukira cane kuri iryo hwaniro mu kuzoba ari ho turi mu kiringo kimwekimwe cose, mu kwumviriza twitonze, no mu gushira mu ngiro ivyo twize.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika