Isekeza riri n’ico rivamwo
Hagisigaye indwi zitatu ngo amashengero agire ihwaniro ryayo, azosubira kugira uruhara mw’isekeza ryo gutumira abashimishijwe bo mu cibare. Hariho imvo nziza ituma tugira iryo sekeza riba buri mwaka. Abemera ubwo butumire maze bakaza kw’ihwaniro, akenshi baratangazwa n’insiguro zishingiye ku Vyanditswe zishikirizwa, inzego zitunganijwe neza zikorerwamwo gusa n’abitanga bavyishakiye be n’inyifato nziza hamwe n’ubumwe biharangwa. (Zab. 110:3; 133:1; Yes. 65:13, 14) Ariko none, iryo sekeza ryoba rigira ico rivamwo, na canecane mu turere aho abashimishijwe babwirizwa kugira urugendo rurerure kugira ngo bitabe ihwaniro?
Inyuma y’ihwaniro ry’intara ryo mu 2011, hari ibiro vy’ishami vyaronse ikete rivuye ku mukenyezi umwe yari yasanze ubutumire munsi y’umuryango wiwe. Igihe cose Ivyabona vya Yehova baba bamugendeye yaca yinyegeza. Yanditse ati: “Nari mfise umuryango umeze neza, umugabo ameze neza, kandi nama niyumvira yuko mfise ibikwiye vyose kugira ngo ngire agahimbare. Ikibabaje, nta gahimbare nari mfise kandi mu vy’ukuri ubuzima bwanje nta ntumbero bwari bufise. Ku bw’ivyo, naciye mfata ingingo yo kugira urugendo rw’ibilometero 320 n’imodoka kugira nitabe porogarama yo ku wa gatandatu.” Iryo hwaniro ryaramuhimbaye cane ku buryo yaciye aterefona umugabo wiwe kugira amubwire ko ararayo gutyo yitabe na porogarama yo ku w’iyinga. Avuga ati: “Narumvirije insiguro zose, ndamenyana n’Ivyabona vya Yehova benshi, ku buryo ntashaka ko iyo porogarama ihera.” Amaze gusubira i muhira, yaciye atangura kwiga Bibiliya maze inyuma y’amezi atanu araba umwamamaji atarabatizwa. Avuga ati: “Ndahimbawe cane no kuba narasanze ubwo butumire munsi y’umuryango kuko ubu ubuzima bwanje bufise koko intumbero!”
Bamwebamwe mu bazoronka ubutumire bazokwitaba ihwaniro. Ku bw’ivyo, nugire uruhara n’umwete muri iryo sekeza rihambaye. Ubutumire uzosigaza uze ubuzane kugira ubukoreshe mu kwamamaza akaryo kizanye.
[Urizitiro ku rup. 4]
Tuzotanga gute ubutumire?
Kugira duheture icibare cacu, dukwiye guca make. Twoshobora gusa kwivugira duti: “Ndabaramukije. Turiko turashikiriza kw’isi yose ubu butumire. Ubwanyu ng’ubu. Amakuru yiyongereye murayasangamwo.” Nubushikirize n’igishika. Igihe dutanga ubwo butumire ku mpera z’imishamvu, twoshobora gutanga n’ibinyamakuru igihe bibereye.