Umwisilamu uzomubwira iki?
1 Vyoba bimaze gushika ukabwira inkuru nziza umwisilamu? Niba bimaze gushika, ushobora kuba warabonye ko abisilamu bemera cane Imana. Ariko, nta vyinshi bazi ku bijanye n’Iparadizo iriko iraza kw’isi nk’uko vyavuzwe n’abahanuzi ba Yehova, kandi twipfuza kubabwira ibijanye n’ico cizigiro. (1 Tim. 2:3, 4) Amakuru akurikira arashobora kugufasha gushinga intahe nziza.
2 Abisilamu bemera Allah, ni ukuvuga Imana, kandi bemera ko Muhamedi ari umuhanuzi w’Imana. Igitabu cabo ceranda ni Ikorowani, idini ryabo na ryo ryitwa Isilamu, bikaba bisobanura “kuyoboka.” Ikorowani ivuga ko kubesha be no gusenga ibishushanyo ari bibi, ko Imana ari imwe, kandi ko itari Ubutatu. Kandi, irigisha ko hariho umutima w’ubwenge udapfa, umuriro udahera, be n’iparadizo yo mw’ijuru. Abisilamu baremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ariko bakavuga ko itakiri uko yari iri mu ntango, magingo Ikorowani, iyikiri mu rurimi yanditswemwo mu ntango, yagumye uko yari iri.
3 Niwifate kigenzi, wiyubare, kandi ube umuntu atahura: Igihe uganira n’umwisilamu, niwifate kigenzi kandi wiyubare. (Imig. 25:15) Nugumize ku muzirikanyi ko ibintu abisilamu bemera bishinze imizi cane muri bo kandi ko benshi muri bo ari ivyo bafashe ku mutwe, batarinze kubizirikana. Ku bw’ivyo, kuzirikana ku nyigisho z’idini maze bakibonera ubwabo ukugomba kw’Imana ukwo ari kwo ntibiri mu vyo bakora mu gusenga kwabo. (Rom. 12:2) Kugira dufashe abisilamu, birahambaye ko tuba abantu bihangana kandi batahura.—1 Kor. 9:19-23.
4 Niwirinde gukoresha imvugo zohava zituma umwisilamu akwitiranya n’abo mu madini yiyita aya gikirisu. Niwerekane ko utari umugatolika canke umuporoti, ahubwo ko utandukanye na bo. Aho kuvuga Bibiliya nuvuge Igitabu c’Imana. Kubera ko abisilamu badakunda namba imvugo ngo “Umwana w’Imana,” akenshi usanga ari vyiza kudakoresha iyo mvugo canke kutaganira kuri ico kintu gushika uwo muntu amaze gutera imbere mu vy’impwemu. Ariko ntiwumve, urashobora kuvuga ibijanye na Yezu, ukamwita umuhanuzi canke intwarabutumwa. Niwirinde ibihari. Ubonye ko umuntu atanguye gushavura, nuce ugenda udatebaganye, ubigiranye icubahiro.
5 Ni vyiza kuganira n’umuntu umwe aho kuganira n’umugwi. Kenshi, ni vyiza ko abagore baganira n’abagore, abagabo bakaganira n’abagabo. Mu vy’ukuri, ntivyama ari ukwo biri, ariko umuntu akwiye kuraba ikibereye. N’ikindi kandi, abisilamu benshi ntiberekwa ibijanye n’ivyo bo babona ko ari ukwambara no kwitunganya mu buryo butaranga urupfasoni bigirwa n’abagore. Bashiki bacu barakwiye kuba maso kuri ico kintu.—1 Kor. 10:31-33.
6 Ivyo twovuga: Nuvuge utarya umunwa ukuntu Imana ihambaye be n’ukuntu urukundo rwayo ruhambaye. Ntugonanwe kuvuga ko uri umukirisu w’ukuri, ko Imana ari imwe (atari Ubutatu), kandi ko gusenga ibishushanyo ari bibi. Nuvuge ibijanye n’ububi bukorerwa mw’isi muri iki gihe, nk’intambara, uruhagarara rw’abanyagihugu, urwanko rushingiye ku moko, be n’ubwiyorobetsi bwibonekeza mu banyamadini benshi.
7 Agatabu Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ubaho uhimbawe kazokuronsa ayandi magirenama ku bijanye n’ibiganiro vyokoreshwa mu gutanguza ibiyago n’abisilamu. Kagenewe gukwegera abisilamu baba ahantu bumva bafise umwidegemvyo wo kwiga Bibiliya.
8 Mu gutanguza ikiyago, woshobora kuvuga uti: “Ndiko ndagira akigoro kadasanzwe ko kuganira n’abisilamu. Ndamaze igihe nsoma ibijanye n’idini ryanyu kandi ndizeye ko ntoba nihenze mvuze ko abisilamu bemera Imana imwe y’ukuri be n’abahanuzi bose. [Rindira yishure.] Nashaka kuganira nawe ibijanye n’umuhanuzi umwe wa kera adondora ingene Imana itwitwararika. [Soma Yesaya 49:15.] Nk’uko uwo muhanuzi avyerekana, Imana iradukunda urukundo ruruta urwo inabibondo akunda umwana wiwe. Muri iyi si ya kino gihe yuzuyemwo ingorane, gutsimbataza ukwizera Imana ni co kintu gishobora gutuma umuntu abaho ahimbawe.” [Niwereke uwo muntu ivyiyumviro bimwebimwe biboneka mu gihimba ca 1 n’ica 2 vyo mu gatabu Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ubaho uhimbawe.] Numusigire ako gatabu, maze muvugane ivyo kuzogaruka kumugendera.—Wipfuza ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago, raba Igikorwa dukorera Ubwami (mu gifaransa) co muri Ruhuhuma 1998, urupapuro rwa 6 ingingo ya 26.
9 Igihe usavye umuntu ngo murimbure agatabu Ukwizera nyakuri, ni vyiza kuvuga ko ari ikiganiro, aho kuvuga ko ari inyigisho ya Bibiliya. Mumaze guheza ako gatabu, uwo mutohoji aba ashoboye kwiga agatabu Inkuru nziza canke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ibindi bisohokayandikiro bigenewe canecane abisilamu ni ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Le chemin du Paradis : Comment le trouver ?, udutabu La direction venant de Dieu : le chemin qui mène au Paradis, be na ka gatabu Le temps de la vraie soumission à Dieu.
10 Tuzi ibintu abisilamu bemera be n’ivyo badakunda, turashobora gukoresha ugutahura mu guhitamwo ibisohokayandikiro twoha abisilamu be n’ingene twobabwira inkuru nziza. Ese Yehova yobandanya guhezagira utwigoro tugira kugira ngo dufashe abantu b’uburyo bwose kwambaza izina ryiwe maze bakazokizwa.—Ivyak. 2:21.