Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 10 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 10 RUHESHI
Ururirimbo rwa 114 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 10 ing. 14-19 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyakozwe 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Ivyakozwe 1:15–2:4 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Si abantu bose bariko bakorera Imana imwe—td 43D (Imin. 5)
No. 3: Kubera iki ivyiyumviro vy’abantu benshi bigereranywa n’ikirere kirimwo ubumara?—Ef. 2:1, 2 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Akamaro ko kurabana neza n’abumviriza. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 124, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 125, ingingo ya 4. Nimugire umwerekano mugufi aho umwamamaji atarabana n’uwo bariko baraganira igihe yamamaza. Nimuce musubiramwo uwo mwerekano, ubu hoho umwamamaji akaba arabana neza n’uwo baganira.
Imin. 10: Ni ibiki twaranguye? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umunyamabanga. Nuvuge muri make ivyaranguwe mu kiringo c’Icibutso wongere ukeze ishengero ku gikorwa ryaranguye. Saba abumviriza bigane ibintu vyiza biboneye igihe bariko baratanga ubutumire bw’Icibutso canke igihe bariko barakora ubutsimvyi bwo gufasha.
Imin. 10: “Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 74 n’isengesho