ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/13 rup. 1
  • Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • ‘Dukore vyose ku bw’inkuru nziza’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Woba ushobora guhindura urutonde rwawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Twitwararike abandi mu kuba twiteguye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 6/13 rup. 1

Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?

1. Amahinduka aba kw’isi asaba ko tugira ibintu ibihe duhinduye?

1 Mu 1 Abakorinto 7:31, Bibiliya igereranya iyi isi n’ikiniro, aho ibirori n’abakinyi biguma bihindagurika. Amahinduka aba kw’isi arasaba ko tuza turagira ivyo duhinduye mu bijanye n’uburyo dukoresha mu kwamamaza, urutonde rwacu be n’ukuntu dutanguza ibiyago. Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?

2. Ni kubera iki dukeneye kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe kugira tugume tujana n’ishirahamwe?

2 Uburyo ukoresha mu kwamamaza: Ishengero rya gikirisu ryamye rihuza n’uko ibintu vyifashe. Igihe Yezu yarungika ari bwo bwa mbere abigishwa biwe, yababwiye kudatekera umupfuko w’ibifungurwa canke amahera mu masaho yabo. (Mat. 10:9, 10) Ariko, mu nyuma yarahinduye ubwo buyobozi kuko yabona ko muri kazoza abigishwa biwe batokwakiriwe neza kandi ko igikorwa co kwamamaza cari gushika no mu tundi turere. (Luka 22:36) Mu binjana n’ibindi biheze, ishirahamwe rya Yehova ryarakoresheje uburyo butandukanye bwo kwamamaza bivanye n’inkenero yaba ihari; nk’akarorero, ryarakoresheje amakarata yo gushinga intahe, ibiganiro bishikirizwa kw’iradiyo be n’imiduga y’ivyuma biduza amajwi. Muri iki gihe, kubera ko mu turere twinshi usanga abantu baboneka i muhira gake, hararushirije kwitwararikwa ivyo kwunganira ubusuku bw’inzu ku nzu mu gushinga intahe ku mugaragaro n’akaryo kizanye. Twararemeshejwe kandi kuja mu busuku bw’inzu ku nzu ku mugoroba nimba ku murango abantu baba bari ku kazi. Uko umukogote wa Yehova wo mw’ijuru uhindura iyo uja, woba ubandanya kujana na wo?—Ezk. 1:20, 21.

3. Guhuza n’uko ibintu vyifashe bidufasha gute kuroranirwa mu cibare cacu?

3 Ukuntu utanguza ibiyago: Ni igiki ubu kiraje ishinga abantu bo mu karere iwanyu? Vyoba ari ivy’ubutunzi, ibijanye n’umuryango canke intambara? Ni vyiza ko tumenya ingorane abantu muri rusangi bafise mu cibare cacu be n’ukuntu ivyaho vyifashe kugira dutegure uburyo bwiza bwo gutanguza ibiyago. (1 Kor. 9:20-23) Igihe abanyamuhana bagize ico batwiganira, aho kwishura twikurayo maze tugaca twibandaniriza ikiganiro twari twateguye, vyoba vyiza kuruta duhuje n’uko ibintu vyifashe tukibanda ku bibaraje ishinga.

4. Ni kubera iki dukwiye guhuza n’uko ibintu vyifashe tudatebaganye?

4 Vuba ico twokwita ikirori ca nyuma co kuri iyi si kigiye kurangira, kandi amakuba akomeye agiye gutangura. “Igihe gisigaye ni kigufi.” (1 Kor. 7:29) Ese rero ukuntu bihambaye ko duhuza n’uko ibintu vyifashe kandi tukabigira tudatebaganye kugira ngo dushobore kurangura vyinshi bishoboka muri iki gihe gisigaye!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika