Nimuyage ku kiganiro kimwe, ariko umusigire ibinyamakuru vyompi
Ibinyamakuru vyacu biba birimwo ibiganiro bitandukanye kandi bishimishije. Aho kurondera kuyaga n’umunyamuhana ku biganiro bitandukanye, akenshi usanga birushiriza kuba vyiza iyo muyaze ku kiganiro kimwe gusa. Nimba turi abantu bazi kwihweza kandi tukaba tuzi ibiri muri ivyo binyamakuru, turashobora guhitamwo ikiganiro kinaka coshimisha umunyamuhana, haba ari mu Munara w’Inderetsi canke muri Be maso!. Nk’akarorero, igihe tubonye ibikinisho vy’abana mu nzu canke ku mbuga, twoshobora guhitamwo kuyaga ku kiganiro kivuga ibijanye n’ubuzima bwo mu rugo. Igihe twakiriwe n’umuntu w’umugabo, twoshobora guhitamwo kuyaga na we ku ciyumviro kanaka gishimisha abagabo benshi, nk’akarorero, ibijanye n’intwaro ibereye. Naho twoyaga n’umunyamuhana ku kiganiro kimwe gusa, mu gihe yerekanye ko yashimishijwe dukwiye kumusigira ibinyamakuru vyompi, Umunara w’Inderetsi na Be maso!