Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 29 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 29 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 51 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 12 ing. 14-19, n’uruzitiro ruri ku rup. 148 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyakozwe 26-28 (Imin. 10)
No. 1: Ivyakozwe 26:19-32 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ubuzima bw’umuntu bwoba butegerezwa kurokoka vyanka vyakunda?—td 2B (Imin. 5)
No. 3: Uburyo butandukanye impwemu y’Imana yigaragaza mu basavyi bayo—Gal. 5:22, 23; Ivyah. 22:17 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Niwamamaze umeze uko usanzwe umeze. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 128, ingingo ya 1 gushika ku rupapuro rwa 129, ingingo ya 1. Nubaze muri make umwamamaji abimenyereye yatsinze isoni. Ni igiki camufashije kudahagarika umutima cane igihe ari mu busuku?
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umukurambere.
Imin. 10: Nimwerekane ko muri abana ba So. (Mat. 5:43-45) Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2013, kuva ku rupapuro rwa 89, ingingo ya 3 gushika ku rupapuro rwa 90, ingingo ya 1, no ku rupapuro rwa 164, ingingo ya 2. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 80 n’isengesho