ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/13 rup. 3
  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Myandagaro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Myandagaro
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Udutwe
  • INDWI ITANGURA KU WA 26 MYANDAGARO
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 8/13 rup. 3

Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Myandagaro

INDWI ITANGURA KU WA 26 MYANDAGARO

Ururirimbo rwa 63 n’isengesho

□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:

jr ikig. 13 ing. 14-19 (Imin. 30)

□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:

Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 13-16 (Imin. 10)

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)

□ Ikoraniro ry’umurimo:

Ururirimbo rwa 11

Imin. 10: “Niwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere.” Insiguro. Mu nyuma, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Nyakanga. Niba ikinyamakuru co muri Nyakanga kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara.

Imin. 10: Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza—Icibare gihabwa umugwi n’icibare gihabwa umuntu ku giti ciwe. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 102, ingingo ya 3, gushika ku rupapuro rwa 104, ingingo ya 1. Nubaze ibibazo uwushinzwe ivyibare avuge intunganyo yagizwe aho iwanyu ku bijanye no gusaba icibare be no kugikoreramwo.

Imin. 10: Ikintu c’intibagirwa mu vy’ugusenga! Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2010, urupapuro rwa 11-14. Nuremeshe bose, ushizemwo n’abana, kugira umwe wese Bibiliya y’isi nshasha yiwe.

Ururirimbo rwa 116 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika