Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nyakanga
“Mwaramutse. Twari tubagendeye gatoyi kugira ngo tubereke ikintu ngirakamaro cotuma abubakanye baroranirwa mu mubano wabo. Ku bwawe, ni ikintu nyamukuru ikihe gituma mu mubano habura agahimbare?” [Rindira yishure.] Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Twari duciye ng’aha gatoyi kugira tuganire ibijanye n’ingene abantu benshi barajwe ishinga n’ukuntu amashusho y’ubushegabo yiraye. Ariko, hari abandi benshi biyumvira ko amashusho y’ubushegabo ari uburyo bwo kwisamaza ata co bwonona. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Yezu yavuze ko dushobora kumenya yuko ikintu ari ciza turabiye ku vyo cama. [Soma Matayo 7:17.] Iki kinyamakuru kirerekana ico amashusho y’ubushegabo yama. Kirerekana kandi ibintu vyofasha umuntu kuvavanura n’amashusho y’ubushegabo.”
Be maso! Myandagaro
“Benshi muri twebwe baripfuza kubaho igihe kirekire gishoboka. Woba wibaza ko amaterambere mu vya siyansi azoteba agatuma bishoboka ko tubaho ibihe bidahera? [Rindira yishure.] Ehe raba uwu muhango uteye umunezero cane. [Soma 1 Abakorinto 15:26.] Ariko none, ivyo Imana izobishitsa gute? Biciye kuri siyansi canke ku bundi buryo? Vyongeye, kubera iki dusaza kandi tugapfa? Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo.”