Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 16 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 116 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jl icigwa 20-22 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyahishuwe 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Ivyahishuwe 3:14–4:8 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igihe Imana yemera ko umuntu ahindura idini—td 9C (Imin. 5)
No. 3: Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu ‘yahaye icitegererezo’ abigishwa biwe?—Yoh. 13:15 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ni ibiki twaranguye? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Numenyeshe ishengero icibare cahetuwe mu kiringo c’isekeza ryo gushikiriza Inkuru y’Ubwami No. 38 ingene kingana. Saba abumviriza bigane ingene bungukiye ku kugira uruhara muri iryo sekeza bongere bigane ibintu biboneye bishimishije.
Imin. 10: Abakiri bato nibashemeze Yehova. (Zab. 148:12, 13) Nubaze ibibazo abakiri bato babiri canke batatu b’intangakarorero. Ni ingorane izihe zigerageza ukwizera kwabo zibashikira kw’ishure? Ni gute abavyeyi babo be n’abandi babafashije kuzihanganira? Ni igiki catumye bagira umutima rugabo wo kuburanira ivyo bemera? Nubasabe bigane ivyabonywe.
Imin. 10: “Kuva ku ndwi itangura ku wa 6 Nzero tuzokwiga igitabu Niwiyegereze Yehova.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 75 n’isengesho