Mufatire akarorero ku bahanuzi—Mika
1. Ni ikibazo ikihe Mika ashobora kuba yaribajije, ariko ni kubera iki igikorwa ciwe co kwamamaza kitabaye impfagusa?
1 ‘Ni ryari iyi si yononekaye izoteba ikavaho?’ Umuhanuzi Mika ashobora kuba yaribajije ikibazo nk’ico uko yatangaza ubutumwa bw’urubanza Yehova yoshikije kuri bwa bwami bwa Isirayeli n’ubwa Yuda. Yamara, igikorwa ciwe co kwamamaza nticabaye impfagusa. Mu 740 B.G.C., mu kiringo c’ubuzima bwa Mika, amajambo ya Yehova yerekeye Samariya yararangutse. (Mika 1:6, 7) Mu nyuma, Yeruzalemu yarasanganguwe mu 607 B.G.C. (Mika 3:12) None twokwigana gute Mika uko turindira urubanza Yehova azoshitsa muri iki gihe cacu?
2. Ni gute twogaragaza ukwihangana uko turindira umusi wa Yehova, kandi kubera iki?
2 Niwihangane: Mika yanditse ati: “Jeho, Yehova ni we nzoguma nderetse. Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje.” (Mika 7:7) Ariko ntiwumve, Mika ntiyarindiriye ko iherezo riza areze amaboko. Yagumye ari umuhanuzi wa Yehova afise vyinshi akora. Uko turindira umusi wa Yehova, dukwiye natwe gukora “ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana.” (2 Pet. 3:11, 12) Ukwihangana kwa Yehova kuratuma abantu baronka umwanya wo kwigaya. (2 Pet. 3:9) Ku bw’ivyo, turafata nka nkama impanuro iva ku Mana ituremesha kwigana ukwihangana kw’abahanuzi.—Yak. 5:10.
3. Ni kubera iki dukwiye gusaba Yehova ngo aduhe impwemu yiwe nyeranda?
3 Niwiheke ku nkomezi za Yehova: Naho Mika yari yashinzwe igikorwa kitoroshe, yarahanze amaso Yehova kugira amuhe inkomezi zo kukirangura. (Mika 3:8) Kuba Ijambo rya Yehova riduhimiriza kwiheka ku Mana kugira ngo iduhe inkomezi ni icerekana ko Yehova azi ko tuzikeneye. Araha ububasha abarushe atitangiriye itama kugira ngo bashobore kurangura amabanga ya gitewokarasi bajejwe. (Zab. 84:5, 7; Yes. 40:28-31) Woba umaze kwibonera ico kintu mu murimo mweranda urangura mu buzima bwawe? Woba wama usenga Yehova umusaba gufashwa n’impwemu yiwe nyeranda y’ububasha?—Luka 11:13.
4. Ni akarorero keza cane akahe twokwigira ku buzima bwa Mika?
4 Mu buzima bwiwe bwose, Mika yashira imbere gukora ukugomba kw’Imana. Yari yiyemeje kuguma ari umwizigirwa naho yari akikujwe n’abantu bari barononekaye mu vy’inyifato runtu. Muri ubwo buryo nyene, ukudahemuka kwacu kurageragezwa buri musi. Ku bw’ivyo, nimuze dukomeze umwiyemezo wacu wo “[ku]gendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”—Mika 4:5.