Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 27 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 27 NZERO
Ururirimbo rwa 106 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 2 ing. 1-11 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 17-20 (Imin. 10)
No. 1: Itanguriro 17:18–18:8 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kubera iki twama mu mpari?—yp1 rup. 14-20 (Imin. 5)
No. 3: Ni igiki twigira kuri Yehova ku kuba yarise Aburahamu ngo “umugenzi wanje”?—lv rup. 26 ing. 4 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Insiguro. Nuvuge intunganyo mwagize aho iwanyu ku bw’ubusuku bwo mu ndimiro bwo ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma, kandi uremeshe bose kubugiramwo uruhara. Nimugire umwerekano mugufi mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4. Niba ikinyamakuru co muri Ruhuhuma kitaraboneka, nimukoreshe ikinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kugishikiriza.
Imin. 15: Imigambi yawe yo mu vy’impwemu ni iyihe? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 117, ingingo ya 2, gushika ku mpera y’ikigabane. Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri bashikiriye umugambi wabo w’umurimo w’igihe cose. Ni indemesho izihe bahawe n’abandi? Ni intambamyi izihe batsinze? Ni imihezagiro iyihe bironkeye?
Imin. 10: “Kwama ushira abantu ibinyamakuru birafasha gutanguza inyigisho za Bibiliya.” Ibibazo n’inyishu. Nusabe abumviriza bigane ingene bahavuye batanguza inyigisho ya Bibiliya n’umuntu yari ku rutonde rw’abo bama bashira ibinyamakuru.
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho