Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 3 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 112 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 3 ing. 19-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 34 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 36-39 (Imin. 10)
No. 1: Itanguriro 37:1-17 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Gukundana mu mpisho hari ikibi kirimwo?—yp2 rup. 21-27 (Imin. 5)
No. 3: Ni kubera iki dukwiye kwubaha ubukuru?—lv rup. 38 ing. 6–rup. 41 ing. 11 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Ntwarante. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza buri kuri uru rupapuro. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose uko bwakabaye. Nusozere mu kubaza abumviriza bavuge ingene ibinyamakuru vyoshikirizwa biri kumwe n’ubutumire bw’Icibutso ku mpera z’imishamvu zibiri za nyuma z’ukwezi.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwandika ibijanye n’abashimishijwe.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 95 n’isengesho