ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/14 rup. 4
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 5/14 rup. 4

Amatangazo

◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Rusama na Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Ugucumukura kwose kugiye kurangira, Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha, Yehova—Ni Nde? canke Woba ushaka kumenya ukuri? kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya. Mukakaro: Abamamaji boshobora gushikiriza kamwe muri utu dutabu tw’impapuro 32: Inkuru nziza iva ku Mana, Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Myandagaro: Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza gashasha kamenyesha ibijanye n’umuhora wo kuri Internet wa jw.org. Aho ako gapapuro k’inkuru nziza katoshobora gukoreshwa mu ndimiro, mwoshobora gukoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana canke kamwe muri utu dutabu: Niwumvirize Imana, Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera be na Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!

◼ Ibiro vy’ishami biroroherwa cane igihe raporo y’umurimo y’ishengero ishitse nko mw’itariki 15 za buri kwezi kandi ntirenze itariki 20 itarashika. Turavye igikorwa abakurambere bakora co gutororokanya amaraporo, kuyateranya no kurungika raporo y’ishengero, vyoba vyiza cane hamwe buri mwamamaji yokwitwararika guha raporo yiwe abakurambere ukwezi kukimara kurangira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika