Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 9 RUHESHI
Ururirimbo rwa 24 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 8 ing. 9-16 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 1-5 (Imin. 10)
No. 1: Abalewi 4:16-31 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Woba uzokurikiza icitegererezo Yezu yatanze?—cf rup. 33-34 ing. 20-24 (Imin. 5)
No. 3: Ni kubera iki dukeneye kuguma tudahumanye?—lv rup. 87 ing. 4–rup. 88 ing. 7 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Woba umaze kubigerageza? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu buryo bw’insiguro, nimusubire mwihweze muri make amayagwa ari muri ibi biganiro biherutse gusohoka mu Gikorwa dukorera Ubwami: “Uburyo bushasha bwo kwamamaza ku mugaragaro” (km 7/13), “Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha” (km 12/13), be na “Kwama ushira abantu ibinyamakuru birafasha gutanguza inyigisho za Bibiliya” (km 1/14). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bungukiye ku gushira mu ngiro inama tugirwa ziri muri ivyo biganiro.
Imin. 20: “Myandagaro ni ukwezi kuzobamwo ibikorwa vy’intibagirwa!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Niba udupapuro tw’inkuru nziza tuvuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? tumaze kuboneka, nimuhe umwe wese mu bumviriza ikopi maze muce irya n’ino ibirimwo. Nuvuge intunganyo zagizwe aho iwanyu kugira ngo muzoheture icibare.
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho