Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 16 RUHESHI
Ururirimbo rwa 111 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 8 ing. 17-24, n’uruzitiro ruri ku rup. 86 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 6-9 (Imin. 10)
No. 1: Abalewi 8:18-30 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Yezu yaraburaniye ukuri abigiranye umutima rugabo—cf rup. 36-39 ing. 7-13 (Imin. 5)
No. 3: Ico kuba uwudahumanye mu nyonga z’Imana bisobanura—lv rup. 88 ing. 8–rup. 90 ing. 13 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: “Koranya abantu.” Ibibazo n’inyishu.
Imin. 10: “Ubutumire budasanzwe.” Ibibazo n’inyishu. Nimuhe abitavye ikoraniro bose agapapuro k’ubutumire nimba buhari, muce muganira ibirimwo. Numenyeshe ishengero aho rizotangurira isekeza wongere uvuge ivyatunganijwe aho iwanyu kugira ngo icibare giheturwe. Nimugire umwerekano mugufi.
Imin. 10: “Mugumane ingeso nziza mu mahanga.” Ibibazo n’inyishu. Nimwihweze ivyiyumviro vyo mu “Vyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara ryo mu 2014” bihuje n’uko ivyanyu vyifashe be n’ikete ryo ku wa 3 Myandagaro 2013 ryarungikiwe amashengero yose rivuga ibijanye n’ivyokorwa kugira ngo twirinde amasanganya igihe turi ku maporogarama y’ivy’impwemu.
Ururirimbo rwa 125 n’isengesho