ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/14 rup. 5-6
  • Ingene twofasha abantu bigora gusoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twofasha abantu bigora gusoma
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Twigishe abatazi gusoma neza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Fasha abandi bagamburuke ivyo Bibiliya yigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 6/14 rup. 5-6

Ingene twofasha abantu bigora gusoma

1. Kwigisha Bibiliya abantu bigora gusoma birimwo ingorane iyihe?

1 Abanyamuhana bigora gusoma barashobora kuba bashimishwa n’ukuri, ariko bakaba babona ko batoshobora gusoma Bibiliya be n’ibindi bitabu. Guha mwene abo bantu igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mugitangura kuganira, nta kintu kinini vyovamwo. None twobafasha gute mu vy’impwemu? Twarabajije abamamaji bazi utuntu n’utundi bo mu bihugu bitandukanye birenga 20 ico bahora bakora. Raba ivyiyumviro batanze.

2. Ni ibikoresho ibihe ngirakamaro vyokoreshwa mu gufasha umuntu bigora gusoma?

2 Igihe umutohoji atazi gusoma neza canke ata vyo azi namba, mwoshobora gutangurira mu gatabu nka Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Umutsimvyi umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika arereka umuntu utwo dutabu twompi maze akamubaza akomworohera gusumba. Ibiro vy’ishami vyo muri Kenya bivuga ko ivyo bikoresho vyabaye kirumara cane kubera ko mu mico kama yo muri Afrika mu kwigisha abantu babiganira inkuru aho kubigisha bakoresheje ibibazo n’inyishu. Naho umuntu yize yoshobora kwemera kwigishwa hakoreshejwe uburyo bwo gusoma no kubaza ibibazo, ubwo buryo bwoshobora gutuma umuntu atize yumva ubuyega. Iyo umutohoji atazi gusoma neza, abamamaji benshi bakunze gutangurira mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana canke Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!, canke kumbure Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya.

3. Ni ibintu ibihe twomenya ku bijanye n’abantu batazi gusoma bizodufasha kuroranirwa mu kubigisha?

3 Nubakeze: Abantu batazi gusoma boshobora kwumva isoni kandi benshi babona umengo nta co bamaze. Kubafasha kwumva bisanze akenshi ni yo ntambwe ya mbere umuntu yotera kugira abigishe ukuri. Abantu benshi batazi gusoma usanga bakerebutse kandi barashobora kwiga bakamenya. Nubagaragarize icubahiro kibereye kandi ubafatane icubahiro. (1 Pet. 3:15) Bazobandanya kwiga nibabona ko utwigoro bagira atari impfagusa kandi ko bariko baratera imbere mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, nubakeze cane.

Abantu batazi gusoma boshobora kwumva isoni kandi benshi babona umengo nta co bamaze. Kubafasha kwumva bisanze akenshi ni yo ntambwe ya mbere umuntu yotera kugira abigishe ukuri

4. Tworemesha gute abantu batazi gusoma neza gutegura?

4 Naho umutohoji yoba atazi gusoma neza, numuremeshe gutegura. Hari abamamaji bo muri Afrika y’Epfo baremesha inyigisho zabo gusaba umuntu wo mu muryango canke umugenzi azi gusoma neza ngo abafashe. Umwamamaji umwe wo mu Bwongereza aremesha abo yigisha gutegura mu kubareka ngo bakoreshe igitabu ciwe ku ngingo nkeyi igihe bariko bariga kugira ngo bashobora kubona ingene vyoroshe gutora inyishu igihe ziciyeko akarongo. Umuvukanyi umwe wo mu Buhindi aremesha inyigisho ziwe kuraba amafoto ari mu cigwa bazokwiga mu ndwi ikurikira no kuyazirikanako imbere y’igihe.

5. Ni gute twogaragaza ukwihangana igihe tuyobora inyigisho?

5 Niwihangane: Mwaba mukoresha igisohokayandikiro ikihe, nushimike ku bintu nyamukuru kandi ufashe uwo wigisha kubitahura neza. Mu ntango, vyoba vyiza kuruta mugiye muraganira iminuta iri hagati ya 10 na 15. Ntugerageze kumwigisha ibintu vyinshi, kumbure uze uramwigisha ingingo nkenke. Niwihangane nimba uwo mutohoji asoma bukebuke. Ashobora kuba azovyurirwa umutima wo kuryohora ubuhanga bwiwe bwo gusoma uko azorushiriza gutahura Yehova. Kugira ufashe umutohoji wa Bibiliya kubigira gutyo, ni vyiza ko umutumira ku makoraniro kuva mugitangura kuyaga.

6. Twofasha gute abantu kumenya gusoma?

6 Abatohoji ba Bibiliya nibamenya gusoma, bizotuma banyaruka gutera imbere mu vy’impwemu. (Zab. 1:1-3) Benshi barafashije abo bigisha mu gufata iminuta mikeyi inyuma ya buri nyigisho bakiga mu gitabu Niwijukire Gusoma no Kwandika. Bishitse uwo mutohoji agacika intege, kumbure woshobora kumuremesha mu kumwereka ibintu bimwebimwe yashoboye kwiga aramenya ingene bikorwa. Numukure amazinda ko Yehova azohezagira utwigoro agira, wongere umuremeshe gusenga asaba ko yomufasha. (Imig. 16:3; 1 Yoh. 5:14, 15) Hari abamamaji bo mu Bwongereza baremesha abo bigisha kwishingira imigambi bashobora gushikako ariko ibandanya, kumbure bagahera ku kumenya indome, mu nyuma bagashobora kurondera ivyanditswe bimwebimwe no kubisoma, maze amaherezo bagasoma ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyanditse mu mvugo yoroheje. Gufasha abantu kumenya gusoma akenshi birimwo gutuma babishaka, si ukubigisha gusa ingene bosoma.

7. Ni kubera iki tutoreka kubwira ukuri abantu bigora gusoma?

7 Yehova ntafatira mu rwara abantu batize. (Yobu 34:19) Yehova asesa umutima w’umuntu. (1 Ngo. 28:9) Ku bw’ivyo, ntureke kubwira ukuri abantu bigora gusoma. Urafise ibikoresho vyiza cane vyinshi ushobora gukoresha mu ntango. Amaherezo, woshobora kwimurira iyo nyigisho mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha gutyo ukamufasha kurushiriza gutahura Ivyanditswe.

Igihe umunyamuhana atazi gusoma, nugerageze iki kintu:

  • Mu ntango nukoreshe agatabu Niwumvirize Imana, agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera canke ikindi gisohokayandikiro kibereye.

  • Numufatane icubahiro kandi umukeze cane.

  • Numwigishe ibintu bikebike, ntugerageze kumwigisha ibintu vyinshi cane.

  • Numufashe kuryohora ubuhanga bwiwe bwo gusoma.

Uko agaragaza ko akunda ukuri kandi ko yipfuza kumenya n’ibindi, woshobora guca umwimurira mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika