Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 4 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 4 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 51 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 11 ing. 1-8 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 4-6 (Imin. 10)
No. 1: Guharūra 4:17-33 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Umubabaro uri hano wohera gute?—yp1 rup. 91-97 (Imin. 5)
No. 3: Ushobora gute kwitegura kugira ngo uzogire umubano uroraniwe?—lv rup. 115 ing. 13–rup. 117 ing. 18 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Myandagaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mukoresheje uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru buri kuri uru rupapuro, nimugire umwerekano w’ukuntu ibinyamakuru vyoshikirizwa igihe turi mw’isekeza ridasanzwe mu mpera z’imishamvu. Nuce usaba abumviriza bagire ico bavuze kuri ibi bibazo: Ni kubera iki dukwiye gutanga ibinyamakuru mu mpera z’imishamvu muri Myandagaro igihe bibereye? Ni ryari vyoba bibereye?
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Kuryohora ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 75 n’isengesho