Mufatire akarorero ku bahanuzi—Nahumu
1. Ni igiki twigira ku gitabu ca Nahumu?
1 Kuba Ninewe ya kera yarasanganguwe biratanga ikimenyamenya c’uko Yehova yihora abansi biwe kandi ko naho abo bansi boba bakaze gute badashobora kumutsinda nk’uko Nahumu yari yarabivuze. (Nah. 1:2, 6) Kwihweza twitonze ubuhanuzi bwa Nahumu biraturonsa ivyigwa twokwisunga mu busuku.
2. Dukwiye gushikiriza ubutumwa ubuhe?
2 Nuhumurize abantu wongere utume bagira icizigiro: Utaravye neza, womengo igitabu ca Nahumu kirimwo gusa urubanza rwatangajwe ko rwociriwe Ninewe, umurwa mukuru wa Ashuri ha kera wabamwo abanyabwibone. (Nah. 1:1; 3:7) Yamara, ku basavyi ba Yehova urwo rubanza rwari inkuru nziza. Nahumu, uwo izina ryiwe risobanura ngo “Umuhoza,” yarakuye amazinda Abayuda bagenziwe ko abansi babo bari bagiye kuzimangana! Vyongeye Nahumu yaremeje ko Yehova ari “igihome gikomeye ku musi w’amarushwa.” (Nah. 1:7) Na twebwe nyene igihe twamamaza dukwiye kubwira abandi inkuru nziza kandi tukabaremesha guhungira kuri Yehova.—Nah. 1:15.
3. Twokwigana gute Nahumu mu gukoresha uburorero canke ibigereranyo?
3 Nukoreshe uburorero n’ibigereranyo: Nahumu ahumekewe na Yehova yavuze ko iherezo rya Ninewe ryobaye rimeze nk’iherezo ry’igisagara c’Abanyamisiri citwa Thèbes (No-amoni), kino kikaba cari carasanganguwe na Ashuri ubwayo. (Nah. 3:8-10) Igihe tubwira abantu ivyerekeye iherezo ry’ivy’iyi si mbi, turashobora gushimika ku buhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana ko Yehova ashitsa iryo avumereye gushika no ku tuntu dutoduto. Nk’akarorero, igihe Abanyababiloni n’Abamedi batera igisagara ca Ninewe mu 632 Imbere ya Kristu, imvura y’isegenya yaratumye Uruzi Tigiri rwuzura, maze ivyo bituma igice c’uruhome rw’ico gisagara cari gikomeye kibomoka. Ninewe yaciye isangangurwa, nk’uko Yehova yari yarabivuze.—Nah. 1:8; 2:6.
4. Ni gute twokoresha imvugo itomoye kandi itahurika mu busuku?
4 Nukoreshe imvugo itomoye kandi itahurika: Mu kwandika igitabu ciwe, Nahumu yavuga ibintu ido n’ido kandi agakoresha imvugo ituma umuntu aca yiha ishusho y’ibiriko biravugwa. Yavuga ibintu mu buryo butomoye. (Nah. 1:14; 3:1) Nk’ukwo kwa Nahumu, twipfuza gukoresha imvugo yoroshe gutahura. (1 Kor. 14:9) Igihe ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, numusigurire mu buryo butomoye igituma umugendeye. Igihe wigisha abantu Bibiliya, nubafashe kwizera Yehova n’Ijambo ryiwe wongere ubafashe kubona ukuntu ivyo bariko bariga biberekeye ku giti cabo.—Rom. 10:14.
5. Ubuhanuzi bwa Nahumu budukura amazinda ku biki?
5 Nahumu yari yizigiye ko amajambo ya Yehova azoranguka ata kabuza. Ivyo biragaragarira mu gitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe. Uko iherezo ry’ivy’iyi si ya Shetani ryegereza, turahumurizwa n’aya majambo Imana yavumereye iti: “Amarushwa ntazoza ubugira kabiri.”—Nah. 1:9.