Nukoreshe jw.org mu busuku
Uwo muhora wacu ni igikoresho c’agaciro kidufasha gukwiragiza inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Abanyamuhana nka bose usanga batazi uwo muhora wa jw.org. Bawumenya ari uko hagize umwamamaji awubereka.
Hari umucungezi w’ingenzi yavomye ka kavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? agashira mw’itelefone yiwe maze akaza arakereka abantu igihe cose aronse akaryo. Nk’akarorero, igihe ariko aramamaza inzu ku nzu, aravuga ati: “Ndiko ndagendera abantu kugira ndabafashe kuronka inyishu z’ibibazo bitatu bihambaye: Kubera iki mw’isi hari ingorane nyinshi? Imana izozitorera umuti gute? Kandi twoba turavyifatamwo gute mu kurindira ko izitorera umuti? Aka kavidewo kagufi karerekana ingene umuntu yoronka inyishu z’ivyo bibazo.” Aca akavuza maze akaraba ingene uwo munyamuhana avyakira. Ako kavidewo karakwegera cane ku buryo abantu nka bose baca baguma bakaraba gushika gaheze. Uwo mucungezi w’ingenzi aca avuga ati: “Wumvise ko ushobora gusaba ukoresheje internet kwiga Bibiliya. Ko rero ndi ng’aha, reka nkwereke mu kanya gato ingene umuntu yokwiga Bibiliya.” Umunyamuhana yemeye, aca amwereka ingene yokwiga Bibiliya akoresheje ka gatabu Inkuru nziza. Umunyamuhana adafise umwanya, baca bavugana umusi azogarukirako kugira amwereke ingene yokwiga Bibiliya. Igihe agiye kunywa agakawa, araganira kigenzi n’uwuba ari hafi yiwe maze agaca akoresha ubwo buryo nyene mu kumwereka iyo videwo. Woba uriko urakoresha umuhora wa jw.org mu busuku bwawe?