Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 27 Ndamukiza 2015. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
Urukundo rudahemuka rumeze gute, kandi ni mu mice iyihe y’ubuzima rukenewe canecane? (Rusi 1:16, 17) [2 Ntwar., w12 1/7 rup. 26 ing. 6]
Ni igiki catumye Rusi avugwa ko ari “umugore w’agahebuza”? (Rusi 3:11) [2 Ntwar., w12 1/10 rup. 23 ing. 1]
Turi mu ngorane, ni mu buryo ubuhe twokwungukira ku karorero ka Hana? (1 Sam. 1:16-18) [9 Ntwar., w07 15/3 rup. 16 ing. 5-6]
Igihe Samweli yari akiri agahungu “[ka]kurira imbere ya Yehova,” ni igiki camukingiye utwosho tubi tw’abahungu ba Eli? (1 Sam. 2:21) [9 Ntwar., w10 1/10 rup. 16 ing. 2-3]
Twokwigira iki ku kuba Sauli atakoze nk’umusazi igihe “abantu b’imburakimazi” banka kwemera ko ari umwami? (1 Sam. 10:22, 27) [23 Ntwar., w05 15/3 rup. 23 ing. 1]
Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku kuba Sauli yabona ibintu mu buryo butari bwo, akiyumvira ko ikimazi gishobora gusubirira ukugamburukira Yehova? (1 Sam. 15:22, 23) [30 Ntwar., w07 15/6 rup. 26 ing. 3-4]
Ni kubera iki bihumuriza kumenya ko Yehova “abona ico umutima [w’umuntu] uri”? (1 Sam. 16:7) [6 Ndam., w10 1/3 rup. 23 ing. 7]
Twisunze ibivugwa mu Migani 1:4, ni igiki dufise Yehova yiteze ko dukoresha igihe turi mu bihe bitoroshe? (1 Sam. 21:12, 13) [13 Ndam., w05 15/3 rup. 24 ing. 5]
Kubera iki twovuga ko Abigayili atagararije ububemutwe bw’umugabo wiwe igihe yaha Dawidi n’abantu biwe ivyo bari bakeneye? (1 Sam. 25:10, 11, 18, 19) [20 Ndam., w09 1/7 rup. 20 ing. 3]
Abigayili yarasavye imbabazi ku bw’ikintu atakoze. Ni igiki twokwigira ku karorero kiwe? (1 Sam. 25:24) [20 Ndam., w02 1/11 rup. 5 ing. 1, 4]