Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 8 RUHESHI
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 25 ing. 17-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 259 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 19-21 (Imin. 8)
No. 1: 2 Samweli 19:24-37 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Woronka gute agahimbare?—igw rup. 22 ing. 1-3 (Imin. 5)
No. 3: Kayafa—Umutwe: Abarwanya ukuri ntibazokwigera baroranirwa—w06 15/1 rup. 10-13 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Ibuka imisi ya kera.”—Gus. 32:7.
Imin. 10: “Ibuka imisi ya kera.” Insiguro ishingiye ku civugo c’uku kwezi. Soma Gusubira mu vyagezwe 4:9; 32:7 na Zaburi 71:15-18 wongere ugire ico uhavuzeko. Nusigure ukuntu abamamaji bo muri iki gihe bashobora kwungukira ku kwibuka abantu n’ibintu vyabaye muri kahise k’ivya gitewokarasi. Nusabe abamamaji, rimwe na rimwe kuri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, baze baraganira kuri vya biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bivuga ngo “Ivyo mu bushinguro bwacu.” Nuvuge bimwebimwe mu biganiro bizoshikirizwa mw’Ikoraniro ry’umurimo muri uku kwezi, wongere uvuge ukuntu bifitaniye isano n’icivugo c’uku kwezi.
Imin. 20: “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza inyigisho ya Bibiliya turi imbere y’umuryango dukoresheje agatabu Inkuru nziza iva ku Mana.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nuvuge ibitigiri bishimishije vyo muri raporo y’umurimo y’ishengero vyerekana ko hashobora kuzoboneka izindi nyigisho za Bibiliya. Nusabe umwamamaji abimenyereye agire umwerekano w’ukuntu umuntu yotanguza inyigisho ya Bibiliya ahagaze imbere y’umuryango akoresheje amagirenama yerekanywe mu ruzitiro. Nuremeshe bose gutanguza inyigisho ya Bibiliya bari imbere y’umuryango.
Ururirimbo rwa 29 n’isengesho