Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Tumenyereze abashasha
Igituma bihambaye: Abigishwa bashasha bategerezwa kwiga kwitondera “ibintu vyose” Yezu yategetse, ivyo bikaba birimwo kwigisha abandi ukuri. (Mat. 28:19, 20) Abashasha batari bake baramaze kuja mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi kandi hari aho boba bamaze kuza barabwira inkuru nziza akaryo kizanye abo mu muryango wabo canke abagenzi babo. Ariko rero, uko barushiriza gutahura ivyo biga maze bakamenya ko Yehova yipfuza ko abantu b’uburyo bwose bumva inkuru nziza, boshobora kugira icipfuzo co kuja mu busuku bwo mu ndimiro. (Rom. 10:13, 14) Abashasha bamaze kwemererwa kuba abamamaji batarabatizwa, kubamenyereza neza bizotuma bumva baremye uko batera iyo ntambwe ikenewe mw’iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu.—Luka 6:40.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Niwamamaze inzu ku nzu uri kumwe n’uwo wigisha Bibiliya, mwongere mujane ku masubirayo canke ku nyigisho ya Bibiliya. Nimba udafise uwo wigisha Bibiliya mwojana, nusabe umwamamaji ataramenyera ubusuku mujane.