UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 6-10
Esiteri yarakoreye Yehova n’abantu biwe ata bwikunzi
Esiteri yaraburaniye Yehova n’abantu biwe abigiranye uburindutsi kandi ata bwikunzi
Esiteri na Morudekayi ntibari bageramiwe. Ariko itegeko rya Hamani ryo kwica Abayuda bose ryariko rirakwiragira hose muri iyo nganji
Esiteri yarongeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga, aja ku mwami atahamagawe. Yaraririye umwami ku bw’abantu biwe amusaba ngo afute rya tegeko rikomeye ryari ryasohotse
Amategeko yaba yasohowe n’umwami ntiyashobora gukurwaho. Umwami rero yaciye aha Esiteri na Morudekayi ububasha bwo gushinga irindi tegeko
Yehova yarahaye abasavyi biwe intsinzi ikomeye
Harasohotse irindi tegeko ryaha Abayuda uburenganzira bwo kwirwanira
Abagendera ku mafarasi bararitwaye hirya no hino muri iyo nganji, Abayuda na bo baca baritegurira urugamba
Abantu benshi bariboneye ingene Imana itonesha Abayuda baca binjira idini ry’Abayuda