ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Munyonyo rup. 3
  • Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro Iranga Ubukerebutsi y’Umuvyeyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Umugabo wiwe ‘ni umuntu azwi neza mu marembo’
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • ‘Umutwe w’umugore ni umugabo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Munyonyo rup. 3

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 27-31

Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye

Mu Migani 31 turahasanga ubutumwa buhambaye Umwami Lemuweli yabwiwe na nyina. Impanuro nziza yamuhaye zaramufashije kumenya ibiranga umugore abishoboye.

Umugore abishoboye ni umwizigirwa

Umukenyezi wo mu bihe vya kera ariko agaburira umuryango wiwe

31:10-12

  • Aratanga ivyiyumviro ngirakamaro ku bijanye n’ingingo zerekeye umuryango mugabo akaguma ayoboka

  • Umugabo wiwe arizigira ko ashoboye gufata ingingo nziza. Ntasaba yuko umugore wiwe abanza kuronka uruhusha rwiwe ku kantu kose

Umugore abishoboye ni umukozi

Umukenyezi wo mu bihe vya kera ariko arasya

31:13-27

  • Ntasesagura, ahubwo arorosha ubuzima kugira ngo umuryango wiwe wambare neza, use neza kandi ufungure neza

  • Arakora cane kandi akitwararika urugo rwiwe umurango n’ijoro

Umugore abishoboye arubaha Imana

Umugore ariko arasenga

31:30

  • Aratinya Imana kandi akagiranira na yo ubucuti somambike

WARI UBIZI?

Aho ha mbere, ibintu bita korali vy’ibara ritukura vyabonwa nk’amabuye y’agaciro kanini cane. Yari meza, y’imbonekarimwe kandi yari agoye kuronka. Mwene ayo mabuye yaboneka mu Kiyaga Mediterane no mu Kiyaga Gitukura kandi yari mu bidandazwa bikomeye.

Korali y’ibara ritukura

Bibiliya irerekana agaciro k’ayo mabuye bita korali, mu kuyafata cokimwe n’inzahabu, ifeza n’ibuye ryitwa safiro.

Ijambo ry’Imana rivuga ko umugore abishoboye afise agaciro “karuta kure n’iyo ak’amabuye y’agaciro yitwa korali.”—Img 31:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika