UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 27-31
Ingene Bibiliya idondora umugore abishoboye
Mu Migani 31 turahasanga ubutumwa buhambaye Umwami Lemuweli yabwiwe na nyina. Impanuro nziza yamuhaye zaramufashije kumenya ibiranga umugore abishoboye.
Umugore abishoboye ni umwizigirwa
Aratanga ivyiyumviro ngirakamaro ku bijanye n’ingingo zerekeye umuryango mugabo akaguma ayoboka
Umugabo wiwe arizigira ko ashoboye gufata ingingo nziza. Ntasaba yuko umugore wiwe abanza kuronka uruhusha rwiwe ku kantu kose
Umugore abishoboye ni umukozi
Ntasesagura, ahubwo arorosha ubuzima kugira ngo umuryango wiwe wambare neza, use neza kandi ufungure neza
Arakora cane kandi akitwararika urugo rwiwe umurango n’ijoro
Umugore abishoboye arubaha Imana
Aratinya Imana kandi akagiranira na yo ubucuti somambike