ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 3 rup. 6
  • Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IJAMBO RY’IMANA RYARAKWIRAGIYE CANE
  • Bibiliya ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • “Bari barongowe n’impwemu nyeranda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya—Yoba koko ‘yahumetswe n’Imana’?
    Be maso!—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 3 rup. 6
Umugwizatunga ariko arabwira umunyamabanga wiwe ivyo yandika mw’ikete, akoresheje imashini.

Kurya nyene umugwizatunga akoresha umunyamabanga wiwe ngo amwandikire ubutumwa, n’Imana yakoresheje abantu bamwebamwe b’intahemuka kugira bandike Ivyanditswe Vyeranda

Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo

Kuva umuremyi wacu aremye abantu, yagiye aravugana na bo biciye ku bamarayika biwe n’intumwa ziwe. Vyongeye, yarahisemwo ko ubutumwa bwiwe be n’imihezagiro yasezeranye vyandikwa. Ivyo bintu Imana yasezeranye bizokugirira akamaro muri kazoza. None ivyo bintu Imana yasezeranye wobisanga hehe muri iki gihe?

Ubutumwa buva ku Mana tubusanga mu Vyanditswe Vyeranda. (2 Timoteyo 3:16) None Imana yakoresheje gute intumwa zayo kugira ngo zandike amajambo yayo? (2 Petero 1:21) Imana yashize ivyiyumviro vyayo mu bwenge bw’abo banditsi, na bo baravyandika. Tubitangire akarorero. Iyo umugwizatunga akoresheje umunyamabanga wiwe kugira amwandikire ubutumwa, tuguma tubona ko ubwo butumwa ari ubw’uwo mugwizatunga. Muri ubwo buryo nyene, naho Imana yakoresheje abantu mu kwandika ubutumwa bwayo, ni yo Ivyanditswe Vyeranda bikomokako.

IJAMBO RY’IMANA RYARAKWIRAGIYE CANE

Ubutumwa buva ku Mana burahambaye cane, ku buryo yipfuza ko abantu bose babusoma kandi bakabutahura. Muri iki gihe, ‘inkuru nziza yayo y’ibihe bidahera’ iraboneka “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose.” (Ivyahishuwe 14:6) Imana yaratumye ivyo Vyanditswe Vyeranda biboneka mu ndimi zirenga 3.000, vyaba vyose canke igice cavyo, bikaba biboneka kuruta ikindi gitabu ico ari co cose kw’isi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika