ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr17 Nzero rup. 2-13
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2017
  • Udutwe
  • 2-8 NZERO
  • 9-​15 NZERO
  • 16-​22 NZERO
  • 23-​29 NZERO
  • 30 NZERO–5 RUHUHUMA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2017
mwbr17 Nzero rup. 2-13

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

2-8 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 24-​28

“Yehova aritwararika abasavyi biwe”

ip-1 272 ing. 5

Yehova abangura ukuboko kwiwe

5 Naho abansi ba Yehova babona ko ateye ubwoba, ni ubuhungiro ku bitonda no ku bicisha bugufi bipfuzakumukorera. Abanyamadini n’abanyepolitike batwaza igitugu bokora ibishoboka vyose kugira basenyure ukwizera kw’abasavyi b’Imana b’ukuri, yamara ivyo birabata ku w’amazi kubera abasavyi b’Imana bizigira Yehova baherejeko. Amaherezo aranumya abamurwanya, nk’aho yoba apfutse izuba riturira ryo mu bugaragwa akoresheje igicu, canke nk’aho yoba azibiye ikirura c’imvura akoresheje igihome.​—Soma Yesaya 25:​4, 5.

w16.05 24 ing. 4

Niwungukire bimwe bishitse ku vyo Yehova aturonsa

4 Uretse ivyo bitabu bigenewe Ivyabona vya Yehova muri rusangi, turaronka n’amayagwa ashingiye kuri Bibiliya agenewe imigwi kanaka y’abantu. Hari ayagenewe gufasha canecane abakiri bato, n’ayandi agenewe gufasha abavyeyi babo. Menshi mu mayagwa yo mu bitabu canke ku rubuga rwacu rwa internet ategurirwa canecane abatari Ivyabona. Ivyo bifungurwa umukimba vyo mu vy’impwemu biratwibutsa ko Yehova ashitsa umuhango yatanze wo “[gu]tegurira ibisata vy’abantu vyose inzimano y’ivyibo birunze amavuta akwiye.”​—Yes. 25:6.

ip-1 273 ing. 6-7

Yehova abangura ukuboko kwiwe

‘Inzimano ku bantu bose’

6 Nka kurya kw’umuvyeyi akundana, Yehova arakingira abana biwe ariko kandi akabagaburira canecane mu buryo bw’impwemu. Igihe yahabuza abasavyi biwe mu 1919, yaciye abatereka inzimano yo kwigina intsinzi, ni ukuvuga ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu. Bibiliya ivuga iti: “Kuri uyu musozi, Yehova nyen’ingabo azotegurira ibisata vy’abantu vyose inzimano y’ivyibo birunze amavuta akwiye, inzimano y’umuvinyu baretse ukirēka ku rutere, y’ivyibo birunze amavuta akwiye vyuzuye umusokoro, y’umuvinyu baretse ukirēka ku rutere, umiminye.”​—Yesaya 25:6.

7 Iyo nzimano iri ku “musozi” wa Yehova. None uwo musozi ni iki? Ni “umusozi w’inzu ya Yehova,” akaba ari wo amahanga yose ajako “mu kiringo ca nyuma c’imisi.” Ni “umusozi mweranda” wa Yehova, aho abasavyi biwe b’abizigirwa badakora inabi canke ngo bagire ico bonona. (Yesaya 2:2; 11:9) Muri ico kibanza gikirurutse co gusengeramwo ni ho Yehova ahera inzimano zinoboye abasavyi biwe b’abizigirwa. Kandi ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu atanga atitangiriye itama muri iki gihe, birerekana ingene azoturonsa ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’umubiri Ubwami bwiwe nibwaza. Nta nzara izoba ikiriho. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:8, 16.

w14 15/9 26 ing. 15

Umwansi wa nyuma ari we rupfu azokurwaho

15 Iyo myaka igihumbi ubutegetsi bw’Ubwami buzomara buganza niyarangira, abantu bagamburuka bazoba bakuweko abansi babo bose bazanywe n’ukugambarara kwa Adamu. Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima. Mugabo umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba kwiwe. Hanyuma hazoba iherezo, aho azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se, niyamara guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose. Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.” (1 Kor. 15:​22-26) Vy’ukuri, urupfu twarazwe na Adamu ruzoba rugiye rwakurwaho. Ca “gitwikiro” kigeramiye abantu bose kizoba cakuweho buhere.​—Yes. 25:​7, 8.

ip-1 273-274 ing. 8-9

Yehova abangura ukuboko kwiwe

8 Abihereza ku bifungurwa vyo mu vy’impwemu Imana itanga muri iki gihe, bafise icizigiro ciza cane. Raba amajambo Yesaya abandanya avuga mu kwerekana ko igicumuro n’urupfu bimeze nk’“ikijishano,” canke “igitwikiro” kibuza amahoro umuntu: “Kuri uyu musozi ntazobura kumira igitwikiro gitwikiriye ibisata vyose vy’abantu, n’ikijishano kijishiwe ku mahanga yose. Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”​—Yesaya 25:7, 8a.

9 Emwe, igicumuro n’urupfu ntibizoba bikiriho! (Ivyahishuwe 21:3, 4) Vyongeye, iceyi abasavyi ba Yehova bamaze imyaka ibihumbi basigwa na co nyene kizokurwaho. “Iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose, kuko Yehova ubwiwe abivuze.” (Yesaya 25:8) Ivyo azobigira gute? Yehova azokuraho abo ico ceyi gikomokako, ari bo Shetani n’uruvyaro rwiwe. (Ivyahishuwe 20:​1-3) Nta gukeka ko abasavyi b’Imana bazovugana akamwemwe bati: “Raba! Iyi ni yo Mana yacu. Twarayizigiye, kandi izodukiza. Uyu ni Yehova. Twaramwizigiye. Tunezererwe ubukiriro atanga, tubuhimbarirwe.”​—Yesaya 25:9.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w15 15/7 11 ing. 18

Nukore kugira uryohore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

TURAGIRA ICO DUTEREREYE KU BWIZA BW’IYO PARADIZO

18 Ni agateka kuba Yehova atwemerera kugira ico duterereye ku bwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo tubigira mu kwamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami no mu guhindura abantu benshi abigishwa. Igihe cose dufashije umuntu gushika yiyeguye, tuba twaguye imbibe z’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.​—Yes. 26:​15; 54:2.

w13 15/3 23 ing. 15-16

Yehova ni we hantu hacu ho kuba

‘AHANTU NYAKURI HACU HO KUBA’ UKO IHEREZO RYEGEREZA

15 Uko iherezo ry’isi ya Shetani ryegereza, “ububabare nk’ubw’ibise” bwayo buzokwunyuka. (Mat. 24:​7, 8) Nta gukeka ko ibintu bizokwunyuka mu gihe ca ya makuba akomeye. Ibintu bifasha mw’iterambere ry’igihugu bizosenyagurika, abantu na bo batinyire ubuzima bwabo. (Hab. 3:16, 17) Kubera ko bazoba bihebuye cane, ni nk’aho bazoronderera ubuhungiro “mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi.” (Ivyah. 6:​15-17) Mugabo vyaba ibitandara nya bitandara canke amashirahamwe y’ivya politike n’ivy’urudandaza agereranywa n’imisozi, nta na kimwe kizobakingira.

16 Abasavyi ba Yehova bobo, bazobandanya kuronkera umutekano kuri Yehova Imana, we “hantu nyakuri [habo] ho kuba.” Nka kumwe kw’umuhanuzi Habakuki, “[ba]zokwigina Yehova; [ba]zonezererwa Imana y’ubukiriro bwa[bo].” (Hab. 3:​18) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova azoba “ahantu nyakuri ho kuba” muri ico gihe kidurumbanye? Tuzobwirizwa kurindira kugira tubirabe. Mugabo turashobora kwemera tudakeka iki kintu: Cokimwe n’Abisirayeli igihe bariko barava mu Misiri, “isinzi rinini” rizoguma ryungunganijwe, ryiteguriye gukurikiza ubuyobozi Imana itanga. (Ivyah. 7:9; Soma Kuvayo 13:​18.) Ubwo buyobozi buzotangwa mu buryo bwa gitewokarasi, kumbure biciye kw’ishengero. Nkako, biboneka ko amashengero ibihumbi n’ibihumbi ari hirya no hino kw’isi afitaniye isano na vya “vyumba” vyo gukingira abantu bivugwa muri Yesaya 26:20. (Soma.) Woba uha agaciro amakoraniro y’ishengero? Woba wihutira gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga biciye kw’ishengero?​—Heb. 13:​17.

9-​15 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 29-​33

“Umwami azoganza ku bw’ubugororotsi”

w14 15/2 6 ing. 13

Ha impundu Kristu, wa Mwami aninahaye!

13 Kristu agenda kandi ‘aburanira ubugororotsi.’ Ubwo bugororotsi uwo Mwami aburanira ni “ubugororotsi bw’Imana,” ni ukuvuga ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye. (Rom. 3:​21; Gus. 32:4) Ku bijanye n’uwo Mwami Yezu Kristu, Yesaya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Umwami azoganza ku bw’ubugororotsi.” (Yes. 32:1) Ingoma ya Yezu izotuma haba “amajuru mashasha” n’“isi nshasha” vyasezeranywe, aho “ubugororotsi buzoba.” (2 Pet. 3:​13) Abantu bose bazoba muri iyo si nshasha bazosabwa kwisunga ingingo mfatirwako za Yehova.​—Yes. 11:​1-5.

ip-1 332 ing. 7-8

Umwami n’abaganwa biwe

7 Mu buhanuzi budasanzwe Yezu yavuze bwerekeye “insozero y’ivy’isi,” yagize ati: “Muze murabe ntimutekerwe n’ubwoba.” (Matayo 24:​3-8) Kubera iki ibintu bibi biba mw’isi muri iki gihe bidatera ubwoba abigishwa ba Yezu? Imvo imwe ni uko “abaganwa,” baba abarobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” bakingira ubusho badahemuka. (Yohani 10:​16) Baritwararikana umutima rugabo abo basangiye ukwemera no mu bintu biteye ubwoba cane, nk’intambara y’ibihugu canke ihonyabwoko. Muri ino si ititaho ivy’Imana, baritwararika ko abadendebukiwe baremeshwa n’ukuri kwo muri Bibiliya.

8 Muri iyi myaka 50 iheze, abo “baganwa” baribonekeje. “Abaganwa” bo mu zindi ntama bariko baramenyerezwa bagize icitwa umurwi w’“umukuru” kugira ngo inyuma ya ya makuba akomeye, abazoba bakwije ibisabwa muri bo bazobe biteguriye gukora ibikorwa bijanye n’intwaro mw’“isi nshasha.” (Ezekiyeli 44:2, 3; 2 Petero 3:​13) Kubera ko baja imbere abandi mu gikorwa c’Ubwami kandi bakabaronsa ubuyobozi bakongera bagatuma bumva baruhuriwe, baragaragaza ko bameze “nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe,” bagatuma ubusho bworoherwa.

ip-1 334-335 ing. 10-11

Umwami n’abaganwa biwe

Kwumvisha amaso, amatwi n’umutima

10 Abo muri rya sinzi rinini babona gute intunganyo zo mw’ishirahamwe rya Yehova? Ubwo buhanuzi bubandanya buti: “Amaso y’ababona ntazomatanywa, kandi amatwi y’abumva azokwumviriza.” (Yesaya 32:3) Yehova aramaze imyaka myinshi yigisha abasavyi biwe, bigatuma baba abantu bahumuye. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi hamwe n’ayandi makoraniro abera mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose; amahwaniro y’intara na mpuzamakungu; tutibagiye ukumenyerezwa kudasanzwe abo “baganwa” baronka kugira bashobore kwitwararikana urukundo ubusho, ivyo vyose vyaratumye haboneka abantu amamiliyoni bunze ubumwe kw’isi yose. Aho ari ho hose abo bungere baba bari kw’isi, amatwi yabo aguma yiteguriye kwakira amahinduka ajanye n’ukuntu dutahura ukuri kwo muri Bibiliya. Kubera bafise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, baguma biteguriye kwumviriza no kugamburuka.​—Zaburi 25:​10.

11 Ubwo buhanuzi buca butugabisha buti: “Umutima w’abihutagiza uzorimbūra ubumenyi, mbere n’ururimi rw’abagigimiza ruzotebuka mu kuvuga ibintu bitomoye.” (Yesaya 32:4) Ese tutokwigera twihutira kugira ivyiyumviro dushitseko ku bijanye n’ikibereye hamwe n’ikitabereye. Bibiliya ivuga iti: “Waritegereje umuntu yihutagiza mu majambo yiwe? Hari icizigiro ku muntu w’ikijuju kuruta kuri uyo.” (Imigani 29:​20; Umusiguzi 5:2) Imbere y’umwaka wa 1919, n’abasavyi ba Yehova bari barandujwe n’ivyiyumviro vya Babiloni. Mugabo kuva muri uwo mwaka, Yehova yaratumye barushiriza gutahura imigambi yiwe. Barabonye ko ukuri yabahishuriye kutihutagijwe, ahubwo ko kwiyumviriwe neza, kandi ubu bavuga ibintu bazi neza, ata kugigimiza.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 15/8 21 ing. 2

Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose

2 Muri iki gihe, Yehova arayobora abasavyi biwe akoresheje Bibiliya, impwemu nyeranda yiwe be n’ishengero. (Ivyak. 9:​31; 15:​28; 2 Tim. 3:​16, 17) Ubuyobozi aturonsa buratomoye cane ku buryo ari nk’aho ‘amatwi yacu yumva ijambo inyuma yacu rivuga ngo: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.”’ (Yes. 30:​21) Ni nk’aho na Yezu atuma ijwi rya Yehova ridushikira igihe ayobora ishengero abicishije kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:​45) Turakwiye gufatana uburemere ubwo buyobozi, kubera ko kugamburuka ari vyo bizotuma turonka ubuzima budahera.​—Heb. 5:9.

(Yesaya 33:​22) Kuko Yehova ari we Mucamanza wacu, Yehova ni we adushingira ivyagezwe, Yehova ni we Mwami wacu; ubwiwe azodukiza.

w14 15/10 14 ing. 4

Muzoba “ubwami bw’abaherezi”

4 Isezerano ry’Itegeko ryatanguye gukora mu 1513 Imbere ya Kristu ku Musozi Sinayi. Biciye kuri iryo sezerano, ihanga rya kera rya Isirayeli ryarashizwe ku ruhande riba ihanga Imana yitoranirije. Ico gihe Yehova yari abaye ‘Umucamanza wabo, uwubashingira ivyagezwe n’Umwami wabo.’ (Yes. 33:​22) Kahise ka Isirayeli karerekana ibishika igihe ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana zikurikijwe canke zirengagijwe. Kubera ko rya Tegeko ryabuza ivyo kwabirana n’abapagani be no kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma, ryari rigenewe gukingira abakomoka kuri Aburahamu kugira ntibanduzwe.​—Kuv. 20:​4-6; 34:​12-16.

16-​22 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 34-​37

“Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa”

ip-1 386-388 ing. 7-14

Ukwizera kw’umwami ntikwabaye ukw’ubusa

Iterabwoba rya Rabushake

7 Senakeribu ararungika Rabushake (iryo si izina ryiwe, ahubwo ryerekana ipete afise) hamwe n’abandi bategetsi babiri i Yeruzalemu gusaba abantu bo muri ico gisagara ko bokwishikana. (2 Abami 18:​17) Bahurira hanze y’igisagara n’abantu batatu Hezekiya arungitse, ari bo Eliyakimu mwene Hilikiya, uwugaba urugo rwa Hezekiya, Shebuna umunyamabanga na Yowa mwene Asafu umukarani.​—Yesaya 36:​2, 3.

8 Intumbero ya Rabushake iratomoye: ashaka kujijura abantu b’i Yeruzalemu ngo bishikane batarinze kurwana. Atangura gusemerera mu giheburayo ati: “Ico cizigiro wizigiye ni nyabaki? . . . None wizigiye nde, aho wangararije?” (Yesaya 36:4, 5) Rabushake aca acokora abo Bayuda batekewe n’ubwoba, akabibutsa ko bameze nk’agati kirebanga. Ni nde bokwitura ngo abafashe? Misiri, iryo “renga rijanjaguwe”? (Yesaya 36:6) Ico gihe Misiri yari imeze nk’irenga rijanjaguwe koko; mbere ico gihugu cahoze ari inganji nganzasi caheruka gutsindwa na Etiyopiya, kandi Tiruhaka umwami wa Misiri w’ico gihe, ntiyari Umunyamisiri ahubwo yari Umunyetiyopiya. Bisubiye, Misiri yari mu gutsindwa na Ashuri. (2 Abami 19:8, 9) Misiri nta co yari gufasha Yuda, narirya na yo nyene ata co yari yimariye.

9 Rabushake aca avuga ko Yehova atazorwanira abasavyi biwe kuko atabanezwe. Avuga ati: “Niwambwira . . . ngo: ‘Yehova Imana yacu ni we twizigiye,’ mbega si we nyen’ibibanza bikirurutse na nyen’ibicaniro Hezekiya yakuyeho?” (Yesaya 36:7) Ariko ntiwumve, kuba Abayuda barasituriye hasi ibibanza bikirurutse n’ibicaniro vyo mu gihugu, ntivyerekana ko bateye akagere Yehova, ahubwo vyerekana ko bagarutse kuri we.

10 Rabushake aca yibutsa Abayuda ko bari hasi mu vya gisirikare ku buryo ata co bohanoba. Akoresha imvugo y’agacokoro ati: “Reka nguhe amafarasi ibihumbi bibiri turabe ko woshobora kuyashirako abayagenderako.” (Yesaya 36:8) Ariko none, kugira abagendera ku mafarasi benshi canke bake, bimaze iki kuri Yuda? Ivyo nta co bivuze, kuko ubukiriro bwa Yuda budahagaze ku kuba ifise igisirikare gikomeye. Mu Migani 21:​31 hasigura hati: “Ifarasi ni ikintu categuriwe umusi w’urugamba, mugabo ubukiriro ni ubwa Yehova.” Rabushake aca yivugisha ko Yehova ahezagira Abashuri, adahezagira Abayuda. Avuga ko iyo bitaba bimeze ukwo, bitari gushoboka ko Abashuri bigarurira uturere twa Yuda.​—Yesaya 36:9, 10.

11 Intumwa za Hezekiya zirahagarikwa umutima n’uko ayo majambo ya Rabushake ashobora gutera ubwoba abagabo bari ku ruhome rw’igisagara. Izo ntumwa zica zimusaba ziti: “Turakwinginze uvugane n’abasuku bawe mu rurimi rw’igisiriya, turumva; ntuvugane natwe mu rurimi rw’Abayuda mu matwi y’abantu bari ku ruhome.” (Yesaya 36:​11) Ariko Rabushake ntiyemera kuvuga mu gisiriya. Ashaka kubiba inkeka mu Bayuda no gutuma batinya ku buryo baca bishikana, Yeruzalemu igafatwa ata ntambara irinze kuba! (Yesaya 36:​12) Ku bw’ivyo, uwo Mwashuri abandanya kuvuga “mu rurimi rw’Abayuda.” Aburira abantu b’i Yeruzalemu ati: “Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kubarokora.” Aca abwira abo Bayuda ingene ubuzima bwomera hamwe bokwemera gutwarwa na Ashuri, ati: “Nimwiyoroshe imbere yanje, musohoke muze aho ndi, maze umwe wese arye ku muzabibu wiwe kandi umwe wese arye ku giti c’umusukoni ciwe kandi umwe wese anywe amazi yo mw’itangi ryiwe, gushika nje nkabatwara koko mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu, igihugu c’intete n’umuvinyu mushasha, igihugu c’umukate n’imirima y’imizabibu.”​—Yesaya 36:​13-17.

12 Uwu mwaka Abayuda ntibazokwimbura kuko batarimye kubera Abashuri babugarije. Iciyumviro co kurya ku muzabibu no kunywa amazi apfutse gishobora kuba gishimishije kuri abo Bayuda bari ku ruhome. Ariko aho, Rabushake ntaraheza kubaca intege.

13 Rabushake ararushiriza gutera ubwoba Abayuda. Ababwira ngo ntibaze barumviriza ivyo Hezekiya ababwira ngo: “Yehova ubwiwe azoturokora.” Rabushake aca abibutsa ko Imana za Samariya zitashoboye gukingira ya miryango cumi ngo ntiyigarurirwe n’Abashuri. Bite hoho ku mana z’ayandi mahanga Ashuri yari yarigaruriye? Ababaza ati: “Imana za Hamati na Arupadi ziri hehe? Imana za Sefaruvayimu ziri hehe? Zoba zararokoye Samariya mu kuboko kwanje?”​—Yesaya 36:​18-20.

14 Mu vy’ukuri, kubera ko Rabushake yasenga imana z’ikinyoma, ntiyatahura itandukaniro ryari hagati y’igisagara ca Samariya igihe cari cagararije n’igisagara ca Yeruzalemu igihe catwarwa na Hezekiya. Imana z’ikinyoma za Samariya ntizari zifise ububasha bwo kurokora ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi. (2 Abami 17:7, 17, 18) Ariko Yeruzalemu yari yarahevye imana z’ikinyoma mu gihe ca Hezekiya, isubira gusenga Yehova. Yamara rero, za ntumwa za Hezekiya ntizigerageza kubwira Rabushake iryo tandukaniro. “Baguma bacereje, ntihagira ijambo bamwishura, kuko umwami yari yategetse ati: ‘Ntimumwishure.’” (Yesaya 36:​21) Eliyakimu, Shebuna na Yowa barasubira kwa Hezekiya bakamubwira ivyo Rabushake yavuze.​—Yesaya 36:​22.

ip-1 389-391 ing. 15-17

Ukwizera kw’umwami ntikwabaye ukw’ubusa

Hezekiya afata ingingo

15 Ubu rero, Umwami Hezekiya abwirizwa gufata ingingo. Yeruzalemu yoba ihava yishikana ku Bashuri? Yoba ihava yiyunga na Misiri? Canke iraza kunana? Hezekiya yataye umutwe. Aca aja ku rusengero rwa Yehova, akongera akarungika Eliyakimu na Shebuna hamwe n’abagabo b’inararibonye bo mu baherezi gusiguza Yehova biciye ku muhanuzi Yesaya. (Yesaya 37:1, 2) Abo bagabo umwami atumye barambara amagunira bagaca baja kwa Yesaya, bakamubwira bati: “Uyu musi ni umusi w’amarushwa n’uw’uguhambara n’uw’ukutisonera kw’akagaye . . . Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva amajambo yose ya Rabushake, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise.” (Yesaya 37:​3-5) Emwe, Abashuri bariko bacokora Imana nzima! Yehova yoba aza kwumva ako gacokoro kabo? Arakura amazinda Abayuda abicishije kuri Yesaya, ati: “Ntutinye kubera amajambo wumvise, ayo abasuku b’umwami wa Ashuri bakoresheje mu kumvuga nabi. Ehe ngira nshire impwemu muri we, kandi azokwumva inkuru maze asubire mu gihugu ciwe; kandi nzotuma koko agwishwa n’inkota mu gihugu ciwe.”​—Yesaya 37:​6, 7.

16 Inyuma y’ivyo, Rabushake aca aja gufasha Senakeribu kurwana na Libuna. Senakeribu aba arihoza Yeruzalemu. (Yesaya 37:8) Naho Rabushake agiye, ntikibuza ko iterabwoba ribandanya. Senakeribu ararungikira Hezekiya amakete yo kumutera ubwoba yerekana ayo Abayuda bazokwibonera hamwe bokwanka kwishikana, ati: Wewe ubwawe warumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose mu kubitikiza; none wewe uzorokorwa? Mbega imana z’amahanga ba sogokuruza banje bahoneje zarayarokoye? . . . Ari hehe umwami wa Hamati n’umwami wa Arupadi n’umwami w’igisagara ca Sefaruvayimu, ica Hena n’ica Iva?” (Yesaya 37:​9-13) Muri make, Abashuri bashaka kwerekana ko kwanka kwishikana ari ubujuju kuko ari ukwikwegera akarambaraye.

17 Kubera ko Hezekiya arajwe ishinga n’ingaruka zishobora kuva ku ngingo abwirizwa gufata, aca ajana ayo makete ya Senakeribu ku rusengero, akayazingururira imbere ya Yehova. (Yesaya 37:​14) Aratura Yehova isengesho rivuye ku mutima, akamwinginga ngo yumvirize iryo terabwoba ry’Abashuri. Arangiza iryo sengesho ryiwe avuga ati: “None rero, ewe Yehova Mana yacu, dukize mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene.” (Yesaya 37:​15-20) Ayo majambo arerekana neza ko ikintu nyamukuru kiraje ishinga Hezekiya atari uko yorokorwa. Ahubwo arajwe ishinga n’uko izina rya Yehova ryohava risigwa iceyi, hamwe Ashuri yokwigarurira Yeruzalemu.

ip-1 391-394 ing. 18-22

Ukwizera kw’umwami ntikwabaye ukw’ubusa

18 Yehova mu kwishura isengesho rya Hezekiya abicisha kuri Yesaya. Yeruzalemu ntikwiye kwishikana; ikwiye kunana. Yesaya aravuga ata bwoba ubutumwa buvuye kuri Yehova nk’aho umenga ariko abwira Senakeribu, ati: “Umukobwa w’isugi wa Siyoni yagusuzuguye, yagutwengeye mw’ijigo. Umukobwa wa Yeruzalemu yazungije umutwe inyuma yawe [n’agahemo].” (Yesaya 37:21, 22) Yehova aca yongerako ati: ‘Uri nde ngo ucokore wa Mweranda wa Isirayeli? Ndazi ibikorwa vyawe. Urishira hejuru kandi urishima. Urizigira cane inguvu zawe za gisirikare kandi warigaruriye ibihugu vyinshi. Ariko ntiwibaze ko atawogutsinda. Imigambi yawe nzoyihindura ubusa. Nzokunesha. Nzoheza ndagukorere nk’ivyo wakoreye abandi. Nzoshira ingobe mu zuru ryawe maze ndagusubize i Ashuri!’​—Yesaya 37:​23-29.

“Iki ni co kizokubera ikimenyetso”

19 Ni igiki cemeza Hezekiya ko ubwo buhanuzi bwa Yesaya buzoranguka? Yehova agira ati: “Iki ni co kizokubera ikimenyetso: Uwu mwaka bazorya ku bizomera ku dutete twakorotse, mu mwaka ugira kabiri na ho barye intete zimejeje; mugabo mu mwaka ugira gatatu, muze mubibe imbuto maze mushwabure, muze muteragire imirima y’imizabibu maze murye ivyamye muri yo.” (Yesaya 37:​30) Yehova azoronsa ibifungurwa abo Bayuda bugarijwe. Naho batarimye kubera Abashuri, bazorya ku bizoba vyasigaye mu murima mu mwaka w’imbere y’uwo. Mu mwaka ukurikira ni isabato, kandi bazoreka imirima yabo irare naho bari mu bihe bigoye. (Kuvayo 23:​11) Yehova asezeranira abantu ko nibamugamburukira, ibintu bizokwimeza mu mirima ku buryo batabura ico barya. Mu mwaka ukurikira, bazoca barima nk’uko bisanzwe maze birire ivyo babiriye akuya.

20 Ubu na ho Yehova agereranya abasavyi biwe n’igiti gishinze imizi, kidapfa kuranduka: “Abazorokoka mu nzu ya Yuda . . . ata gukeka bazoshora imizi munsi maze bame ivyamwa hejuru.” (Yesaya 37:31, 32) Emwe, abizigira Yehova nta co batinya. Be n’uruvyaro rwabo nta kizobanyiganyiza.

21 Bite ho kuri rya terabwoba ry’Abashuri? Yehova agira ati: “Ntazokwinjira muri iki gisagara canke ngo aharase umwampi canke ngo ahahange n’inkinzo canke ngo aharundire igikuta co kuhasugereza. Inzira yazananye ni yo azocamwo mu gusubira inyuma, mugabo ntazokwinjira muri iki gisagara.” (Yesaya 37:33, 34) Nta ntambara izoba hagati ya Ashuri na Yeruzalemu. Abashuri ni bo bazoneshwa ata ntambara irinze kuba, si Abayuda.

22 Yehova yarashikije ivyo yasezeranye mu kurungika umumarayika wiwe, arica abasoda ba Senakeribu 185.000. Ivyo bishobora kuba vyabereye i Libuna. Senakeribu yavyutse asanga abasoda biwe bakurubakuru n’ingabo ziwe zikomeye ari imihindigiti. N’ibimaramare n’akantu, yaciye asubira i Ninewe, mugabo naho yatsinzwe bikomeye yagumye asenga Nisiroki imana yiwe y’ikinyoma. Inyuma y’imyaka nk’ingahe, Senakeribu yarishwe n’abahungu biwe babiri igihe yariko arasenga Nisiroki. N’ico gihe nyene, iyo mana yiwe y’ikinyoma ntiyashoboye kumukiza.​—Yesaya 37:​35-38.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w08 15/5 26 ing. 4

Dukurikirane “ubweranda mu gutinya Imana”

‘Hazobaho Inzira Nyeranda’

Yehova yari yabwiye abasavyi biwe bari mu bunyagano i Babiloni ko bosubijwe mu gihugu cabo. Mu buhanuzi bujanye n’ugusubira mu gihugu cabo, yabakuye amazinda ati: “Kandi hazobay’inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira [“Nyeranda”, NW].” (Yes. 35:​8a) Ayo majambo ntiyerekana gusa yuko Yehova yugururiye Abayuda inzira kugira bashike iwabo, ariko kandi yarabakura amazinda yuko yobakingiye bari muri iyo nzira.

w08 15/5 27 ing. 1

Dukurikirane “ubweranda mu gutinya Imana”

“Abanduye imitima ntibazoyicamwo”

Mu 537 B.G.C., hari ikintu gihambaye Abayuda bategerezwa gushitsa. Ku bijanye n’abakwije ibisabwa kugira bagendere mu “Nzira Nyeranda,” muri Yesaya 35:​8b havuga hati: “Abanduye imitima ntibazoyicamwo.” Kubera ko icatumye Abayuda bagarukanwa i Yeruzalemu kwari ugusubira gushiraho ugusenga gutyoroye, abakora ibintu babitumwe n’ubwikunzi, abatubaha ibintu vyeranda canke abahumanye mu vy’impwemu, nta kibanza bobaye bahafise. Abo bene kugarukanwa bari bakeneye kugumya ingingo mfatirwako z’ukwigenza runtu ziri hejuru za Yehova. Abashaka ko Imana ibaraba ryiza muri iki gihe, bakwiye gushitsa ivyo nyene vyasabwa Abayuda. Bategerezwa gukurikirana “ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Kor. 7:1) Ni ingeso izihe zihumanye none dukwiye kwirinda?

w07 15/1 8 ing. 6

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya​—Igice ca 2

Ivyigwa tuhigira:

36:2, 3, 22. Naho Shebuna yakuwe mu mabanga yiwe y’ububwiriza, yaremerewe kubandanya asukurira umwami ari umukarani w’uwamusubiriye (Yesaya 22:15, 19). Igihe dukuwe mu mabanga manaka twahora turangura mw’ishirahamwe rya Yehova bivuye ku mvo yinaka, ntivyoba vyiza none tubandanije gusukurira Imana mu kurangura amabanga ayo ari yo yose yoba ishimye ko turangura?

23-​29 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 38-​42

“Yehova araha ububasha uwurushe”

ip-1 409-410 ing. 23-25

“Nimuhoze abantu banje”

“Ni nde yaremye ivyo bintu?”

23 Hariho iyindi mvo ituma Abayuda bari mu buja bumva baremye. Uwabasezeraniye kubarokora ni Umuremyi w’ibiriho vyose akaba na we Soko ry’inguvu rukozi. Yehova arerekana ingene ububasha bwiwe butangaje bubonekera mu vyo yaremye, ati: “‘Mwonsanisha na nde ngo tube abangana?’, ni ko wa Mweranda avuga. ‘Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo. Kubera umurengera w’inguvu rukozi, kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura.’”​—Yesaya 40:25, 26.

24 Wa Mweranda wa Isirayeli ni we ariko arivugira ubwiwe. Yehova aravuga ibijanye n’inyenyeri ziri mu kirere, mu kwerekana ko atawokwigereranya na we. Kurya intwazangabo igenzura abasoda itwara, ni ko Yehova agenzura inyenyeri. Hamwe yozikoranya, ‘nta n’imwe muri zo yobura.’ Naho inyenyeri ari nyinshi cane, imwe yose arayihamagara mw’izina, ryaba ari izina nyaryo canke agatazirano. Kurya kw’abasoda bagamburuka, ziguma mu bibanza vyazo kandi zikubahiriza urutonde kuko uwuziyobora afise umurengera w’“inguvu rukozi” kandi akaba “yuzuye ingoga mu bubasha.” Ku bw’ivyo, Abayuda bari mu buja barafise imvo zumvikana zo kumwizera. Uwo Muremyi ashobora kugenzura inyenyeri, ntiyonanirwa no gufasha abasavyi biwe.

25 Ni nde atokora ivyo Imana idusaba gukora muri Yesaya 40:​26, ahavuga hati: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe”? Abahinga mu vy’imibumbe bo muri iki gihe berekana ko inyenyeri tubona mu kirere ari nyinshi cane biteye ubwoba kuruta uko vyari mu gihe ca Yesaya. Abo bahinga bararaba mu kirere bakoresheje ivyuma bigagamisha bita teleskope. Bagereranya ko ikirere ivyo vyuma bishobora kubona kirimwo ibigwi vy’inyenyeri birenga imiliyaridi 125. Hari amatohoza yerekana ko kimwe muri ivyo bigwi conyene, ico bita Nzira nyamweru, kirimwo inyenyeri zirenga imiliyaridi 100! Ivyo birakwiye gutuma twubaha Umuremyi wacu kandi tukizigira cane ivyo asezerana.

ip-1 413 ing. 27

“Nimuhoze abantu banje”

27 Yesaya arerekana ivyo Yehova avuga ariko aradondora ukuntu Abayuda bari mu buja i Babiloni biyumva, aho hakaba ari kure cane y’iwabo. Bamwe biyumvira ko Imana itabona “inzira” yabo, ni ukuvuga amagorwa barimwo. Biyumvira ko akarenganyo bagirirwa Yehova ata co kamubwiye. Baributswa ikintu bari bakwiye kuba bazi bafatiye ku vyabashikiye, canke ku vyo babwiwe n’ababitangiye imbere. Yehova arashoboye kurokora abasavyi biwe kandi aravyipfuza. Ni Imana ihoraho akaba n’Umuremyi w’isi yose. Aracafise bwa bubasha yerekana igihe yarema ibintu, kandi Abanyababiloni si bo bohava bamunanira. Iyo Mana ntishobora kuruha maze ngo ihebe abasavyi bayo. Ntibakwiye kwitega gutahura neza inzira za Yehova kuko ugutegera kwiwe kudaserangurwa.

ip-1 413-415 ing. 29-31

“Nimuhoze abantu banje”

29 Igihe Yehova yavuga ivyo guha ububasha uwurushe, ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi urugendo rurerure Abayuda bari mu bunyagano bari kugira bariko barasubira mu gihugu iwabo. Yehova aributsa abasavyi biwe ko mu bimuranga harimwo gufasha abarambiwe bamwitura ngo abafashe. Mbere n’abantu bakiritera bakarisama, ni ukuvuga “abahungu” hamwe n’“imisore,” barashobora kuruha cane, canke gutsitara kubera bananiwe. Ariko Yehova asezerana guha abamwizigira ububasha butuma bagenda ntibaruhe, kandi bakiruka ntibarambirwe. Ukuntu Yehova aha inkomezi abasavyi biwe Yesaya abigereranya n’inkona: inkona iriko iraguruka umenga ntiruha kandi irashobora kumara amasaha iriko iraduga hejuru idahagarara. Abayuda baramutse bizigiye ko Yehova azobafasha, nta mvo n’imwe bogira yo kwihebura.

30 Iyo mirongo ihereza ikigabane ca 40 c’igitabu ca Yesaya irimwo amajambo aremesha abakirisu b’ukuri babayeho muri iyi misi ya nyuma. Turashikirwa n’akarenganyo be n’ibigeragezo vyinshi bishobora kutuvuna umutima, ariko turaremeshwa no kumenya ko Imana ibibona vyose. Turashobora guhera amazinda ko Umuremyi w’ibintu vyose, umwe “ugutegera kwiwe [kuda]shobora kudondwa,” azokuraho ako karenganye igihe ciwe kigeze kandi arazi uburyo azokoresha. (Zaburi 147:5, 6) Mu kurindira, ntitwokwiheka ku nkomezi zacu. Kubera ko Yehova atigera aruha, arashobora guha ububasha abasavyi biwe bari mu bigeragezo, mbere akabaha “ububasha burengeye ubusanzwe.”​—2 Abakorinto 4:7.

31 Iyumvire abo Bayuda bari mu bunyagano i Babiloni mu kinjana ca gatandatu imbere ya Kristu. Igisagara ca Yerusalemu bikundira cari kure cane kandi cari carabaye umusaka, n’urusengero rwaho rwari rwarabomaguritse. Ubuhanuzi bwa Yesaya bwarimwo isezerano ry’umuco n’icizigiro: Yehova yari mu kubasubiza mu gihugu cabo! Mu 537 imbere ya Kristu, Yehova yarasubije abasavyi biwe mu gihugu cabo, aba yerekanye ko ashitsa ivyo asezeranye. Na twebwe turakwiye kwizigira Yehova tugaherezako. Imihango y’Ubwami, iyidondorwa neza mu buhanuzi bwa Yesaya, izoranguka ata kabuza. Iyo ni inkuru nziza, umuco ku mahanga yose!

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w03 1/7 17 ing. 17

‘Imana ni urukundo’

17 Mu ruririmbo rw’ugukenguruka rukora ku mutima Hezekiya yatunganije aho amariye gukizwa indwara yica, yabwiye Yehova ati: “Ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe” (Yesaya 38:​17, ni twe tubihiritse.). Ngaha Yehova agereranywa n’uwuriko arafata ivyaha vy’umunyavyaha yigaye maze akabirenza inyuma yiwe aho adashobora kwongera kubibona canke ngo yongere kuvyibuka na gato. Dukurikije igitabu kimwe, iciyumviro gishikirizwa gishobora guserurwa uku: “Watumye [ivyaha vyanje] bimera nk’aho umenga ntivyari vyarakozwe”. None ivyo ntibidusubiriza umutima mu nda?

w15 15/2 8 ing. 13

Twigane ukwicisha bugufi kwa Yezu n’ikibabarwe ciwe

13 Amajambo aranga ikibabarwe yavuga. Ikibabarwe Yezu yari afise catuma avugisha abandi n’umutima mwiza, canecane abahahazwa. Intumwa Matayo yarerekeje kuri Yezu aya majambo ya Yesaya agira ati: “Ntazovuna irenga rijanjaguritse; nayo urutambi ruriko rurayama, ntazoruzimya.” (Yes. 42:3; Mat. 12:​20) Yezu yavuga mu buryo buruhurira abantu bari bameze nk’irenga rijanjaguritse canke urutambi rw’itara rigira rizime. Yaramamaje ubutumwa butanga icizigiro bwo “gutubika abavunitse umutima.” (Yes. 61:1) Yateye akamo “abacumukura n’abaremerewe” ngo baze kuri we, abakura amazinda ko ‘bokwumvise baruhuriwe.’ (Mat. 11:​28-30) Yarasubirije umutima mu nda abayoboke biwe yuko Imana yitwararikana ikibabarwe umwe wese mu basavyi bayo ushizemwo n’abitwa “batoyi,” ni ukuvuga abasa n’abadahambaye ufatiye ku kuntu isi ibona ibintu.​—Mat. 18:​12-14; Luka 12:​6, 7.

30 NZERO–5 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 43-​46

“Ivyo Yehova avuga vyama biranguka”

ip-2 71-72 ing. 22-23

Imana y’ukuri ivuga ivy’ukurokorwa kw’abasavyi bayo

22 Abagerageza kuvuga ivya kazoza badahumekewe n’Imana, ntibubahuka kubivuga badomako kuko batinya guhinyuka. Ariko rero biciye kuri Yesaya, Yehova yaravuze izina ry’umuntu azokoresha mu gukura abasavyi biwe mu buja, kugira basubire iwabo kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Yitwa Kuro, uwo bita Kuro Mukuru w’Ubuperesi. Yehova yaranavuze amayeri Kuro yokoresheje kugira ashobore kwinjira mu gisagara ca Babiloni cobaye gikingiwe cane. Babiloni yobaye ikingiwe n’ibihome birebire hamwe n’inzuzi ziyica irya n’ino. Kuro azokevya uruzi rukuru muri zo, ari rwo Efurate, kugira ashobore kwinjira. Nk’uko bivugwa n’abatohozakahise Herodote na Xénophon, Kuro yarakebeje amazi y’uruzi Efurate maze aca aragabanuka ku buryo abasoda biwe bashobora kujabuka urwo ruzi n’amaguru. Urwo ruzi ntirwari rugishoboye gukingira Babiloni.

23 Bite ho ku bijanye n’isezerano ry’uko Kuro azorekura abasavyi b’Imana kandi ko azokwitwararika ko Yeruzalemu n’urusengero rwaho bisubira kwubakwa? Nk’uko Bibiliya ibivuga, Kuro ubwiwe yatangaje ati: “Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze: ‘Yehova Imana y’amajuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi, kandi ubwiwe yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu muri Yuda. Umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe ibane na we. Naduge rero i Yeruzalemu muri Yuda, asubire kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli, ni we Mana y’ukuri, inzu yari i Yeruzalemu.’” (Ezira 1:2, 3) Amajambo Yehova yavuze biciye kuri Yesaya yararangutse!

ip-2 77-78 ing. 4-6

Yehova ni “Imana igororotse n’Umukiza”

4 Yehova abicishije kuri Yesaya abwira Kuro nk’aho womenga ariho, kandi mu gihe ca Yesaya Kuro ataribwavuke. (Abaroma 4:​17) Kubera ko Yehova yagenye Kuro imbere y’igihe ngo azorangure igikorwa yamushinze, vyoshobora kuvugwa ko Kuro ari “uwo [Imana] yarobanuje amavuta.” Azonesha amahanga, atume abami baba goyigoyi, ntibashobore kunana kubera azoba ayobowe n’Imana. Kuro niyaza gutera Babiloni, Yehova azokwitwararika ko imiryango yaho iguma yuguruye; ntizoba ishoboye kubakingira kuko izoba imeze nk’imiryango yajanjaguwe. Azongendera imbere ya Kuro kugira akure mu nzira intambamyi zose. Amaherezo, abasoda ba Kuro bazotsinda ico gisagara hama bigarurire “amatunga anyegejwe” yaco, ubutunzi bwaco buri mu vyumba vyijimye. Ivyo n’ivyo Yesaya avuga. Ayo majambo yiwe yoba azoranguka?

5 Mu mwaka wa 539 imbere ya Kristu, hakaba hari haciye nk’imyaka 200 Yesaya yanditse ubwo buhanuzi, Kuro yaraje ku mpome za Babiloni kugira ayitere. (Yeremiya 51:11, 12) Ariko, Abanyababiloni bobo nta co binona. Biyumvira ko igisagara ca bo atawogiturukira. Impome ndende z’ico gisagara zikikujwe n’imigende miremire yuzuye amazi iva mu ruzi Efurate, ikaba ari yo ikingiye ico gisagara. Hari haciye imyaka irenga ijana ata mwansi ashobora kwinjira i Babiloni! Emwe, Belushazari umwami wa Babiloni yibereye ku kirimba ata co yinona, ku buryo mbere ategurira inzimano abantu bakomakomeye biwe. (Daniyeli 5:1) Muri iryo joro, hakaba ari kw’igenekerezo rya 5 rishira uwa 6 Gitugutu, Kuro arashika ari kumwe n’ingabo ziwe karuhariwe.

6 Abenjeniyeri ba Kuro barakebeje amazi y’uruzi Efurate, maze bituma amazi yashika kuri ico gisagara agabanuka. Bidatevye, amazi yaca mu gisagara ca Babiloni no hirya no hino yaco yaragabanutse ku buryo abasoda ba Kuro bashobora kujabuka n’amaguru berekeza kuri ico gisagara. (Yesaya 44:​27; Yeremiya 50:​38) Emwe basanga imiryango y’ico gisagara irangaye, nk’uko Yesaya yari yarabivuze. Ingabo za Kuro zirinjira i Babiloni zigaca zifata ikirimba hama zikica umwami Belushazari. (Daniyeli 5:​30) Mw’ijoro rimwe gusa, Kuro yari atahukanye intsinzi. Babiloni yaratemvye, gutyo ubuhanuzi buba burarangutse ata na kimwe kivuyemwo.

ip-2 79-​80 ing. 8-10

Yehova ni “Imana igororotse n’Umukiza”

Igituma Yehova azotonesha Kuro

8 Yehova ahejeje kuvuga umuntu azokwigarurira Babiloni hamwe n’ukuntu azobigenza, aca avuga imwe mu mvo izotuma Kuro atahukana intsinzi. Yehova yabwiye Kuro mu buhanuzi ati: “Kugira ngo umenye yuko jewe ndi Yehova, Umwe aguhamagara mw’izina ryawe, Imana ya Isirayeli.” (Yesaya 45:​3b) Birabereye kubona uwo mwami w’inganji nganzasi igira kane ivugwa muri Bibiliya yemera icese ko intsinzi yiwe ikomeye ayironka kubera ashigikiwe n’umuntu ahambaye kumurusha, ni ukuvuga Yehova, Segaba w’ibiriho vyose. Kuro abwirizwa kwemera icese ko uwumuhamagara, ni ukuvuga uwumushinga igikorwa, ari Yehova Imana ya Isirayeli. Bibiliya irerekana ko Kuro yemeye icese yuko intsinzi ikomeye yaronse yayihawe na Yehova.​—Ezira 1:​2, 3.

9 Yehova aravuga imvo igira kabiri yatumye afasha Kuro gutsinda Babiloni, ati: “Kubera umusavyi wanje Yakobo no kubera Isirayeli uwo natoye, naraguhamagaye mw’izina ryawe; naguhaye izina ry’iteka, naho utamenye.” (Yesaya 45:4) Intsinzi ya Kuro yaragize ikintu kinini ihinduye kw’isi. Yatumye inganji nganzasi imwe itembagara, iyindi irajaho, iba isize ikintu kitazopfa cibagiranye. Yamara, abantu bo mu mahanga ari hirya no hino ya Babiloni bariko barihweza ibiriko biraba bashobora kuba batangazwa no kumenya ko ivyo vyose bibaye ku bw’abantu bakeyi, emwe “inkehwa” ziri mu buja i Babiloni, ari bo Bayuda, ni ukuvuga abakomoka kuri Yakobo. Ariko kuri Yehova, abo Bisirayeli barokotse si inkehwa. Ni “umusavyi” wiwe. Mu mahanga yose ari kw’isi, ni bo ‘yatoye.’ Naho imbere y’aho Kuro atari azi Yehova, Imana iramukoresha nk’uwo yarobanuye mu gutembagaza igisagara canse kurekure abasavyi bayo. Imana ntishaka ko abasavyi bayo yatoye bagumizwa ibihe bidahera mu gihugu kitari rwabo.

10 Hariho iyindi mvo igira gatatu, mbere ihambaye gusumba, ituma Yehova akoresha Kuro mu gutembagaza Babiloni. Yehova avuga ati: “Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho. Nta Mana iriho kiretse jewe. Nzogukenyeza cane, naho utamenye, kugira ngo bimenyekane guhera iyo izuba rirasira no gushika iyo rirengera yuko ata wundi ariho atari jewe. Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho.” (Yesaya 45:5, 6) Emwe, ugutembagazwa kw’inganji nganzasi ya Babiloni ni ikimenyamenya c’uko Yehova ari we Mana; birereka abantu bose ko ari we wenyene abereye gusengwa. Kubera ko abasavyi b’Imana barekuwe, abantu bo mu mahanga yose kuva mu buseruko gushika mu burengero bazomenya icese ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri.​—Malaki 1:​11.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w14 15/11 21-22 ing. 14-16

“Abantu Imana yabo ari Yehova”

IHANGA RY’IVYABONA

14 Abisirayeli basenga Imana yabo Yehova, ayandi mahanga na yo agasenga imana zayo. Mu gihe c’umuhanuzi Yesaya, Yehova yagereranije ivyo kw’isi n’urubanza ruri imbere ya sentare. Yehova yategetse imana z’ayo mahanga ngo zizane ivyabona vyemeza ko ari imana vy’ukuri. Yavuze ati: “Amahanga yose nakoranire hamwe mu kibanza kimwe, n’imiryango y’amahanga nikoranire hamwe. Muri bo ni nde ashobora kubivuga? Canke, mbega botwumvisha ivya mbere? Nibazane ivyabona vyabo, kugira bitwe abagororotsi, canke na ho bumve maze bavuge bati: ‘Ni ukuri!’”​—Yes. 43:9.

15 Izo mana z’amahanga ntizashoboye gutanga ikimenyamenya na kimwe c’uko ari imana vy’ukuri. Vyari ibigirwamana gusa bidashobora kuvuga, bikeneye kuza biraterurwa. (Yes. 46:​5-7) Yehova wewe yabwiye igisata ciwe Isirayeli ati: “Muri ivyabona vyanje, . . . mbere umusavyi wanje natoye, kugira ngo mumenye kandi munyizere, no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene. Imbere yanje nta Mana yabumbwe, kandi inyuma yanje nta yigeze ihaba. Jewe​—ndi Yehova, kandi uretse jewe nta mukiza ariho. . . . Muri rero ivyabona vyanje, . . . kandi ni jewe Mana.”​—Yes. 43:​10-12.

16 Nka kurya kw’ivyabona mu rubanza, igisata ca Yehova cari gifise agateka ko gushinga intahe yuko ari we Mana yonyene y’ukuri. Yehova yavuze ko ari ‘abantu yibumbiye, ngo badonde ishemezo ryiwe.’ (Yes. 43:​21) Bari bagize igisata citirirwa izina ryiwe. Kubera ko Yehova yari yarabahabuje akabakura mu Misiri, vyari vyitezwe ko bashigikira ubusegaba bwiwe imbere y’ibindi bisata vyo kw’isi. Kukaba nkako, babwirizwa kugira umwiyemezo nk’umwe umuhanuzi Mika yahavuye asigira igisata c’Imana co mu gihe ca none. Yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”​—Mika 4:5.

ip-2 60 ing. 24

“Muri ivyabona vyanje”!

24 Ariko rero, Yehova ntazogira izo mbabazi kubera gusa Isirayeli yigaye; azozigira ku bw’izina ryiwe. Emwe, ni kubera izina ryiwe. Iyo arekera Abisirayeli mu buja, abari kubibona bari gusiga iceyi izina ryiwe. (Zaburi 79:9; Ezekiyeli 20:​8-10) No muri iki gihe, ukurokorwa kw’abantu si co kintu kiza ubwa mbere. Ikiza ubwa mbere ni ukweza izina rya Yehova no kwemeza ubusegaba bwiwe. Naho ari ukwo, Yehova arakunda abemera gutozwa indero na we, kandi bakamusenga mu mpwemu no mu kuri. Arerekana ko abakunda, baba abarobanuwe canke abo mu zindi ntama, mu kubakurako amakuba yose yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu Kristu.​—Yohani 3:​16; 4:23, 24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika