Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
6-12 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 1-4
“Ndi kumwe nawe kugira nkurokore”
Nugume uri maso nka Yeremiya
4 Yeremiya ashobora kuba yari mu gushikana imyaka 25 igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuba inderetsi. (Yer. 1:1, 2) Mugabo yabona yuko ameze nk’agahungu kadashoboye na gato kugira ico kabwiye abakurambere bo muri iryo hanga, ni ukuvuga abagabo bitereye mu myaka kandi bafise ubukuru. (Yer. 1:6) Yari afise ubutumwa bukomeye bwo kubashira ku kabarore be n’imanza ziteye ubwoba yategerezwa kubamenyesha, akaba canecane yategerezwa kubimenyesha abaherezi, abahanuzi b’ikinyoma n’abatware, hamwe n’abantu bakurikira “inzira ya benshi” kandi bagatsimbataza agatima ko ‘kwanka kugaruka.’ (Yer. 6:13; 8:5, 6) Rwa rusengero rwari runinahaye rw’Umwami Salomo, urwari rwaramaze imyaka nk’amajana ane ari intimatima y’ugusenga kw’ukuri, rwosambuwe. Yeruzalemu na Yuda vyocitse igiharabuga, abahaba na bo bagatwarwa ari imbohe. Biragaraga ko ubutumwa yari yahawe gushikiriza bwihutirwa!
Wewe wumvira nde: Imana canke abantu?
18 Imana yabwiye umuhanuzi Yeremiya iti: “Ndi kumwe nawe ngo nkurokore” (Yeremiya 1:8). Yehova yoshobora gute kuturokora mu ruhamo muri iki gihe? Yoshobora guhagurutsa umucamanza yanka akarenganyo ameze nka Gamaliyeli. Canke na ho, yoshobora gutuma umutegetsi ameze nabi canke aturwanya asubirirwa ata wari avyiteze n’uwundi mutegetsi abona ibintu mu buryo butegereka kuruta. Ariko, rimwe na rimwe Yehova yoshobora kureka abasavyi biwe bakabandanya guhamwa (2 Timoteyo 3:12). Imana iretse tugahamwa, izokwama iduha inkomezi zo kwihanganira uruhamo (1 Ab’i Korinto 10:13). Ico Imana yoreka cose kikaba, nta mazinda dufise ku bijanye n’ukuntu amaherezo ibintu bizogenda: abarwanya abasavyi b’Imana baba bariko barwanya Imana, kandi abarwanya Imana ntibazotsinda.
“Umutima urushe nzowuzuza agatege”
WOBA UZOHEMBURA IMITIMA IRUSHE?
14 Vyoba vyiza tuzirikanye ku kuntu Yeremiya yaremeshejwe be no ku kuntu yaremesheje abandi bari bafise ‘imitima irushe’ nka we. (Yer. 31:25) Yehova ni we canecane yaremesheje uwo muhanuzi. Iyumvire ukuntu wari kwumva uremeshejwe no kwumva aya majambo agira ati: “Jewe, ehe uyu musi nkugize igisagara gikingijwe ibihome. . . . Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha, kuko ‘ndi kumwe nawe kugira nkurokore,’ ni ko Yehova avuze.” (Yer. 1:18, 19) Yeremiya yari afise imvo yumvikana yo kuvuga yuko Yehova yari ‘inkomezi ziwe n’igihome ciwe gikomeye, akaba n’ubuhungiro bwiwe ku musi w’amarushwa.’—Yer. 16:19.
15 Birashimishije kubona Yehova yarabwiye Yeremiya ati: “Ndi kumwe nawe.” Wisunze ayo majambo, woba ubona ico wokora mu gihe hari uwo uzi akeneye kuremeshwa? Kumenya ko umukirisu mugenzawe canke kumbure incuti yawe akeneye kuremeshwa ni kimwe, yamara kumuronsa indemesho aba koko akeneye ni ikindi. Mu bihe bitari bike, uburyo ngirakamaro kuruta ubundi bwose ni ugukora ico Imana yagiriye Yeremiya, ni ukuvuga kuba kumwe n’uwo muntu ari mu marushwa. Hanyuma, numubwire ku gihe kibereye amajambo amuremesha, ariko ntumucucagire menshi. Amajambo make arashobora kugira ikintu ciza ashitseko igihe arobanuwe mu ntumbero yo kumuhumuriza be no kumukomeza. Amajambo wovuga ntakwiye kuba ari ayahinguwe. Nukoreshe amajambo yoroshe agaragaza ko umwitwararika, urajwe ishinga n’ivyiwe, be n’uko umufitiye igishika ca kivukanyi. Mwene ayo majambo arashobora kugira ivyiza vyinshi ashitseko.—Soma Imigani 25:11.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
2:13, 18. Abisirayeli b’ibihemu bakoze ibibi bibiri. Ica mbere, barahevye Yehova, we soko ryo kwizigirwa ry’imihezagiro, ry’ubuyobozi n’uburinzi. Ikigira kabiri, biyimbiye ivyobo vyo kubika amazi vy’ikigereranyo mu kurondera kugirana amasezerano y’ivya gisirikare na Misiri be na Ashuri. Muri kino gihe, guheba Imana y’ukuri tugakurikira inyigisho n’ivyiyumviro vy’abantu be n’amapolitike y’isi, ni nk’ugufata “isōko y’amazi y’ubugingo” tukayisubiriza “ivyobo” vyo kubika amazi “vyatobotsemw’imishwena”.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
4:10; 15:18—Ni mu buryo ki Yehova yahenze abasavyi biwe b’abagarariji? Mu gihe ca Yeremiya, hariho ba kamenyi “bavuga ibinyoma.” (Yeremiya 5:31; 20:6; 23:16, 17, 25-28, 32) Yehova ntiyababujije kuvuga ubutumwa bw’ikinyoma.
13-19 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 5-7
“Bararetse gukora ivyo Imana igomba”
w88 1/4 11-12 ing. 7-8
Yeremiya yari umuhanuzi yankwa yashikiriza imanza z’Imana
7 Yehova yabwiye Yeremiya imbere y’igihe ati: “Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha.” (Yeremiya 1:19) None ni kubera iki Abayuda n’indongozi zabo barwanya uwo muhanuzi? Ni kubera ko ubutumwa yashikiriza bwanegura ukuba bafata ibintu minenerwe be n’ukuba basenga Imana vyo guheza umwuga. Yeremiya yavuze atarya umunwa ati: “Ehe ijambo rya Yehova ryacitse iceyi kuri bo, ntibashobora guhimbarwa na ryo. Kuko kuva ku mutoyi muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi muri bo, bose bironderera inyungu y’akarenganyo; kandi kuva ku muhanuzi gushika no ku muherezi [bamwe nyene bari bakwiye kuba imboneza mu imico runtu n’ivy’Imana], bose bakorana ububeshi.”—Yeremiya 6:10, 13.
8 Naho bayobora ihanga mu vyo gutanga ibimazi, ntibashira umutima ku gusenga kw’ukuri, ahubwo bakora ivyo guheza umwuga. Bashira imbere imigenzo kuruta ukwigenza runtu. Ku rundi ruhande, izo ndongozi zaguma zihenda abantu ko hari impore, zikababwira ngo: “Hari amahoro! Hari amahoro!” kandi ata mahoro yariho. (Yeremiya 6:14; 8:11) Barahenda abantu mu gutuma biyumvira ko bafitaniye amahoro n’Imana na ho shwi. Bumva ko ata cobatera ubwoba, kuko bari ihanga ryatoranijwe na Yehova kandi bakagira igisagara ceranda n’urusengero rwaho. Ariko none Yehova yabona gute ukuntu ivyabo vyari vyifashe?
w88 1/4 12 ing. 9-10
Yeremiya yari umuhanuzi yankwa yashikiriza imanza z’Imana
9 Yehova yategetse Yeremiya kuja mu muryango w’urusengero aho abantu bose bashobora kumubona kugira ashikirize ubutumwa abaza gusenga. Yababwiye ati: “Ntimwizigire amajambo y’ubwangushi, mu kuvuga muti: ‘Ni urusengero rwa Yehova, ni urusengero rwa Yehova, ni urusengero rwa Yehova!’ . . . Ivyo nta co vy’ukuri bizogenda bibunguye.” Abayuda bariko bagenda bisunga ibiboneka, atari ukwizera, mu kwiratira urusengero rwabo. Bari bamaze kwibagira amajambo Yehova yababwiye abagabisha ati: “Amajuru ni yo ntebe yanje y’ubwami, isi na yo ni intebe y’ibirenge vyanje. None inzu mushobora kunyubakira iri hehe?” Yehova ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ubukuru bwiwe rero ntibwagarukira gusa kuri urwo rusengero rwabo, naho rwoba rwari runinahaye gute!—Yeremiya 7:1-8; Yesaya 66:1.
10 Yeremiya yabandanije kubakarira ku mugaragaro ati: “Mbega mwokwiba, mukica, mukarenga ibigo, mukarahira ibinyoma, mugafumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali kandi mugakurikira izindi mana mutamenye, . . . mukavuga muti: ‘Ntituzobura kurokorwa,’ kandi mukora ivyo bintu vyose biteye ishishi?” Kubera ko Abayuda bari ‘igisata Imana yitoranirije,’ bibaza ko yobaretse bagakora ivyo bishakiye, magingo babandanya gutanga ibimazi ku rusengero. Ariko nimba biyumvira ko Yehova ameze nk’umuvyeyi afyinatisha umwana wiwe w’ikinege, botahuye ko bari bihenze.—Yeremiya 7:9, 10; Kuvayo 19:5, 6.
Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
12 Mu ntango y’ingoma ya Yehoyakimu, Yehova yasavye Yeremiya kugenda ku rusengero kugira ngo akubite intahe mu gahanga abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda kubera ububisha bwabo. Babona ko urusengero rwa Yehova ari nk’igiheko cobakingiye. Yamara, mu gihe batoretse ‘kwiba, kwica, kurenga ibigo, kurahira ibinyoma, gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali no gukurikira izindi mana,’ Yehova yohevye urwo rusengero rwiwe. Vyongeye, ukwo ni ko yogiriye abiyorobetsi barusengeramwo, nka kumwe nyene yigera guheba itaberenakulo i Shilo mu gihe c’Umuherezi mukuru Eli. Igihugu ca Yuda “[cocitse] ikibanza catikijwe gusa.” (Yer. 7:1-15, 34; 26:1-6) Zirikana ku butinyutsi Yeremiya yari akeneye kugira ngo atangaze ubwo butumwa! Ashobora kuba yabutangaje izuba riva imbere y’abantu bakomakomeye kandi bubahwa. Muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe basanze na bo nyene bakeneye ku rugero runaka ubutinyutsi kugira ngo bamamaze mu mabarabara canke babwire inkuru nziza abantu bifise canke bahambaye. Turashobora rero kwizigira tudakeka ko Imana izodushigikira nk’uko yashigikiye Yeremiya.—Heb. 10:39; 13:6.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba uzogendana n’Imana?
11 Twoba vy’ukuri turiko turareka Ijambo ry’Imana ngo rituyobore cane gutyo? Birahambaye ko rimwe na rimwe duhagarara tukisuzuma tutibesha. Raba umurongo uzodufasha kwisuzuma: “Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.” (Yeremiya 6:16) Ayo majambo yoshobora kutwibutsa ibijanye n’umuntu ari ku rugendo ahagaze mu mayirabiri kugira ngo abaze iyo izo nzira zija. Mu buryo bw’impwemu, abasavyi ba Yehova bo muri Isirayeli bari baramugararije bari bakeneye kugira ikintu gisa n’ico. Bari bakeneye gusubira mu “nzira za kera”. Iyo “nzira nziza” yari inzira ba sekuruza babo b’intahemuka bari baragendeyemwo, inzira iryo hanga ryari ryarataye bitewe n’ubujuju. Ikibabaje, Abisirayeli baranse n’akagagazo n’akantu ico cibutswa ca Yehova kiranga urukundo. Uwo murongo nyene ubandanya uti: “Ariko bo baravuga, bat’Eka ntituyijana”. Ariko rero, mu bihe vya none abasavyi b’Imana bakiriye impanuro nk’iyo mu buryo butandukanye n’ubwo.
w88 1/4 13 ing. 15
Yeremiya yari umuhanuzi yankwa yashikiriza imanza z’Imana
Yuda yarahanywe
15 Nko mu 632 imbere ya Kristu, Ashuri yaratsinzwe n’Abakaludaya be n’Abamedi, Misiri na yo, iyari iherereye mu bumanuko bwa Yuda, isigara ata bubasha ifise. Yuda ubwayo yotewe n’abaje bava mu buraruko. Hari inkuru mbi rero Yeremiya yabwirizwa gushikiriza Abayuda. Yababwiye ati: “Ehe, igisata c’abantu kiraje kivuye mu gihugu co mu buraruko . . . Ni ihanga ruburakigongwe, kandi nta kagongwe bazogira. . . . Batonze urugamba nk’umurwanyi kugira ngo bagutere, ewe mukobwa wa Siyoni!” Ico gihe Babiloni yariko irakomera igana ku kuba inganji nganzasi. Imana yokoresheje Babiloni mu guhana abantu bo muri Yuda batagira ukwizera.—Yeremiya 6:22, 23; 25:8, 9.
20-26 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 8-11
“Abantu ntibashobora kuroranirwa batayobowe na Yehova”
it-1 506
Amakonkombure
Ibikingi be n’ibindi bintu vyarashingwa mu mirima kugira bikange ibikoko ntibize kwona. Umuhanuzi Yeremiya yavuze ko ibigirwamana vy’amahanga y’abapagani vyari “bimeze nk’igikanganyoni co mu murima w’amakonkombure” kubera ko ata vyashobora gukora.—Yr 10:5.
Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?
10 Witegereje mu kirere canke ugatereza ijisho ku biremwa biri aha kw’isi, urabona ikimenyamenya gitomoye c’uko hariho Umuremyi (Yeremiya 10:12). Dukwiye kwemeranya rwose n’ibiremwa vyo mw’ijuru bisemerera biti: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa [canke, “ubuninahazwa”, UB] n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose” (Ivyahishuriwe 4:11). Yamara, abanyasiyansi benshi barananirwa kubona n’ ‘amaso y’imitima yabo’ ikimenyamenya c’uko hariho Umuremyi, naho mbere boba batangazwa n’ukuntu ivyo bibonera n’amaso yabo bwite bihinguye (Abanyefeso 1:18). Dushobora kubitangira akarorero muri ubu buryo: Gutangarira ubwiza buri mu vyaremwe be n’ingene bihinguye maze ugahakana yuko hariho Umuhinguzi Ahambaye yabihinguye, nta ho bitaniye no gutangarira igicapo ciza cane, mugabo muri ico gihe nyene ugahakana yuko hariho umuhinguzi w’utugenegene yafashe igitambara ata kintu na kimwe kiriko hanyuma akagicapako igicapo gikoranywe ubuhinga. Ntibitangaje kubona abanka kwemera Imana bavugwa ko ‘batagira ico bireguza’!
Woba ushavuriye Imana?
Amarushwa ari kw’isi muri iki gihe arerekana neza ko ubutegetsi bw’abantu bwananiwe bimwe bibabaje. Uretse ko intwaro zananiwe no kuzanira abantu amahoro, umutekano n’agahimbare, zashikanye isi aho umwansi ashaka. Ivyo birerekana ko aya majambo avugwa muri Bibiliya ari ay’ukuri. Agira ati: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Ubutegetsi bw’Imana bwonyene ni bwo bushobora gutuma abantu baronka amahoro arama, agahimbare n’ugusagamba, kuko ari wo mugambi w’Imana.—Yesaya 45:18.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nugume wiyegereza Yehova
16 Kwishimira ibintu bibereye birashobora kuba vyiza. Nk’akarorero, dukwiye kwama twishimira kuba turi Ivyabona vya Yehova. (Yer. 9:24) Kwiyubahiriza ku rugero runaka biradufasha gufata ingingo zibereye no kwirinda gutitura ingingo mfatirwako zacu zigenga inyifato runtu. Mugabo kubona ko ivyiyumviro vyacu canke ikibanza turimwo bihambaye cane birashobora kudutandukanya na Yehova.—Zab. 138:6; Rom. 12:3.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
3:11-22; 11:10-12, 17—Ni kubera iki mu butumwa Yeremiya yashikirije, yavuzemwo bwa bwami bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi kandi Samariya hari haratemvye mu mwaka wa 740 B.G.C.? Ni kubera yuko isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C. ryerekana ko Yehova atari yaciriye urubanza Ubuyuda gusa, ahubwo ko yari yaruciriye ihanga rya Isirayeli ryose uko ringana (Ezekiyeli 9:9, 10). Vyongeye, n’inyuma y’aho ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi bumariye gusangangurwa mu 740 B.G.C., kuba i Yeruzalemu hari abantu bo muri ubwo bwami bariyo, vyatuma haba ivyizigiro vy’uko abantu bo muri ubwo bwami bogarukanywe mu gihugu cabo kuko abahanuzi b’Imana babandanije kuvuga ibiberekeye.
27 NTWARANTE–2 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 12-16
“Isirayeli yaribagiye Yehova”
Niwiyubare ku bijanye n’umutima uhemuka
17 Igikorwa Yeremiya yari yarashinzwe casaba ko agamburuka ubuyobozi Imana yamuha. Iyo uza kuba uri Yeremiya, woba wari kwemera ubuyobozi ubwo ari bwo bwose uhawe n’Imana? Igihe kimwe, Yehova yabwiye Yeremiya gutora umukaba wo mu nyuzi z’ilino ngo awukenyere. Ivyo biheze, Imana yamutegetse kuja kuri Efurate. Hamwe woraba kw’ikarata urashobora kubona ko urwo rugendo yagize rwareha n’ibilometero nka 500. Yeremiya ashitseyo yabwirizwa kunyegeza uwo mukaba mu mugaga w’urutare maze agaca agaruka i Yeruzalemu. Mu nyuma Imana yaramutegetse gusubirayo ngo atore wa mukaba. (Soma Yeremiya 13:1-9.) Muri izo ngendo zose yagize agenda agaruka, Yeremiya ashobora kuba yagenze ibilometero bishika 2.000. Abasobanuzi b’ivya Bibiliya ntibemera ko uwo muhanuzi yoba koko yaragize urwo rugendo rurerure gutyo, akamara amezi n’ayandi agenda n’amaguru. (Ezira 7:9) Naho ari ukwo, ivyo ni vyo Imana yari yavuze kandi Yeremiya yarabikoze.
Niwiyubare ku bijanye n’umutima uhemuka
18 Niwihe ishusho uwo muhanuzi ariko ararenga arenguka mu misozi yo mu gihugu ca Yuda, kumbure aca no mu bugaragwa ariko aja kuri Efurate. Aho hose ntuze kwari ukugira aje kunyegeza umukaba w’ilino gusa! Igihe kirekire yamaze ataboneka gitegerezwa kuba caratumye ababanyi biwe bibaza iyo yari ari. Aho agarukiye ntiyari afise wa mukaba w’ilino. Imana yaciye imubwira kwongera kugira urwo rugendo rurerure kugira ngo aje gutora wa mukaba aho yari yawuzitse, uwari umaze kwononekara ukaba kandi ‘ata co wari ukimaze.’ Iyumvire nawe ukuntu vyari vyoroshe ko Yeremiya yibwira ati: ‘Yehova na we arakavya! Jewe simbona ico bimaze.’ Yamara, kubera yuko yariko arabumbabumbwa n’Imana, ivyo nta vyo yagize. Aho kwidoga yakoze nk’uko yari yategetswe gukora!
Niwiyubare ku bijanye n’umutima uhemuka
19 Yeremiya ahejeje kugira urwo rugendo ubugira kabiri, ni ho Imana yamusigurira ivyo bintu. Ivyo bintu Yeremiya yakoze vyaratumye aronka akarorero akoresha kugira ngo ashikirize ubutumwa bukomeye bugira buti: “Aba bantu babi banka kugamburuka amajambo yanje, bagendera mu kagagazo k’umutima wabo kandi bakaguma bakurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire, bazocika rero nk’uyu mukaba ata co ukimaze.” (Yer. 13:10) Mbega ukuntu Yehova yigishije abo basavyi biwe mu buryo bukora ku mutima! Kuba Yeremiya yaragamburukiye Yehova bimwe bivuye ku mutima mu tuntu twasa nk’aho tudahambaye, vyaragize ico biterereye mu twigoro Yehova yagize kugira ngo ashikire imitima y’abo bantu.—Yer. 13:11.
20 Muri iki gihe, abakirisu ntibasabwa kugenda n’amaguru ibilometero amajana n’amajana kugira ngo Imana igire ico ibigishije. Ariko n’aho ari ukwo, vyoba bishika ababanyi bawe canke abagenzi bawe bakazazanirwa kibure bakagutwengera mw’ijigo kubera ko ukurikirana ingendo ya gikirisu? Aho hoshobora kuba harimwo ukuntu wambara n’ingene witunganya, amahitamwo ugira mu bijanye n’amashure, umwuga ukurikirana canke mbere ibijanye n’ukuntu ubona ivyo kunywa inzoga. Woba wiyemeje kuzobaho wisunga ubuyobozi Imana itanga nk’uko Yeremiya yabigira? Amahitamwo ugira kubera ko ureka Imana ikabumbabumba umutima wawe yoshobora gutuma ushinga intahe nziza. Ni ku bw’ineza yawe y’ibihe bidahera kugamburuka ubuyobozi Yehova atanga dusanga mw’Ijambo ryiwe be no kwemera ubuyobozi butangwa biciye ku mugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’incabwenge. Ukwiye kumera nka Yeremiya, aho kureka ngo uyoborwe n’umutima uhemuka. Niwiyemeze rero kubumbabumbwa n’Imana; nuyireke ikubumbabumbemwo icombo giteye iteka izokoresha ibihe bidahera.
it-1 1070 ing. 15
Amafyinga
Yehova yavuze ko inzu ya Isirayeli be n’iya Yuda zari zimeze nk’umukaba mu mafyinga yiwe. Yari yarabiyegereje cane kugira bamubere ishemezo n’ikintu ciza. (Yr 13:11) Bibiliya yari yavuze ko Yezu Kristu yoganje akenyeje ubugororotsi nk’umukaba wo mu mafyinga, ubwizigirwa na bwo nk’umukaba wo mu kiyunguyungu. Ivyo bishobora kwerekeza ku kuba Yezu yama akoresha ububasha bwose afise abigiranye ubugororotsi n’ubwizigirwa. Nka kurya umukaba ufata umuntu ni ko n’ubugororotsi bukomeza Yezu mw’ibango afise ryo kuba Umucamanza yagenywe na Yehova.—Yes 11:1, 5.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
11 Yeremiya yarataye umutwe igihe yitegereza ukuntu ababisha baroranirwa. (Soma Yeremiya 12:1, 3.) Ivyo ntibisobanura ko uwo muhanuzi yariko akekeranya ku bugororotsi bwa Yehova, ahubwo riho yariko asaba ko “ikirego” ciwe cumvirwa. Ukudakikiriza kwiwe kwarerekanye neza ko yari afitaniye n’Imana ubucuti bukomeye cane, nka burya umwana agiranira na se wiwe akunda. Ico Yeremiya atatahura ni ingene Abayuda batari bake babandanya gusagamba, kandi bari ababisha. Yoba yararonse inyishu imara akanyota? Yehova yaramukuye amazinda ko yari agiye kurandura abo babisha. (Yer. 12:14) Yeremiya ategerezwa kuba yarizigiye ubutungane bw’Imana bimwe bigera kure, igihe yibonera iranguka ry’ivyo yari yarayituye mw’isengesho. Ivyo bitegerezwa kuba vyaratumye Yeremiya arushiriza kwitura Imana mw’isengesho, agaserurira uwo Se wiwe inyiyumvo ziwe.
Nube umurindutsi nka Yeremiya
Tube maso ku bo twifatanya
16 Yeremiya aravuga ikindi kintu camufashije kuba umurindutsi. Yavuze ati: “Sinicaranye n’abaremye akarwi bitwengera, bihimbarirwa: nicaye ukwanje jenyene kubg’ukuboko kwawe; kuko wanyujuje umwikomo” (Yeremiya 15:17). Yeremiya yahisemwo kuba wenyene aho kwononwa n’abagenzi babi. Ukwo ni ko natwe tubona ibintu muri iki gihe. Ntitwigera twibagira ingabisho intumwa Paulo yatanze ivuga yuko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”, mbere n’ingeso nziza twoba tumaze imyaka myinshi dufise.—1 Ab’i Korinto 15:33.