31 Mukakaro–6 Myandagaro
EZEKIYELI 24-27
Ururirimbo rwa 81 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ubuhanuzi bwa Tiro butuma twizigira cane Ijambo rya Yehova”: (Imin. 10)
Ezk 26:3, 4—Hagisigaye imyaka irenga 250, Yehova yaravuze ko Tiro yotikijwe (bsi07 7 ing. 4)
Ezk 26:7-11—Ezekiyeli yaravuze ihanga ryotanguye kwugariza Tiro n’uwobaye arirongoye (ce 216 ing. 3)
Ezk 26:4, 12—Ezekiyeli yaravuze imbere y’igihe ko impome za Tiro, inzu zaho n’umukungugu waho vyoterewe mu mazi (it-1 74)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Ezk 24:6, 12—Ingese z’iyo nkono zigereranya iki? (w07 1/7 14 ing. 2)
Ezk 24:16, 17—Kubera iki Ezekiyeli yabwiwe kutagandarira umugore wiwe? (w88 15/9 21 ing. 24)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ezk 25:1-11
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Agapapuro k’inkuru nziza—Cira inzira isubirayo.
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) Agapapuro k’inkuru nziza—Koresha akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, mukaganireko (ariko nturinde kukerekana).
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) bh 23 ing. 13-15—Mutumire kw’ikoraniro.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Kwizera Ijambo ry’Imana biradufasha kwihanganira ibigeragezo: (Imin. 15) Ikiganiro c’uguhana ijambo gishingiye ku vyanditswe nka Yesaya 33:24; 65:21, 22; Yohani 5:28, 29 n’Ivyahishuwe 21:4. Erekana akavidewo Nezererwa ivyiza Ubwami buzodukorera. Remesha bose kwibona bari mw’isi nshasha, canecane igihe hari ibigeragezo vyabaciye intege.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 15 ing. 29-36, n’isubiramwo “Woba ubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?”
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 88 n’isengesho