UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gukoresha neza ibibazo
IGITUMA BIHAMBAYE: Nimba ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo, ibibazo dukoresha rero bimeze nk’indobo yo kubivoma. (Img 20:5) Ibibazo biratuma abatwumviriza bagira uruhara mu kiyago. Inyishu z’ibibazo vyacaguwe neza akenshi ziraturonsa amakuru ngirakamaro. Yezu yarakoresha neza ibibazo. Twomwigana gute?
UKO TWOBIGIRA:
Nubaze ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona. Yezu yarabajije ibibazo abigishwa biwe kugira amenye iryo bagona. (Mt 16:13-16; be 238 ing. 3-5) Ni nk’ibibazo ibihe wobaza umuntu kugira aserure iryo agona?
Nubaze ibibazo bishikana umuntu ku nyishu. Kugira Yezu akosore ivyiyumviro vya Petero, yaramubajije ibibazo amuha n’inyishu zishoboka zatumye ashika ku ciyumviro c’ukuri. (Mt 17:24-26) Ni ibibazo ibihe wobaza kugira ufashe umuntu gushika ku nyishu y’ukuri?
Nushimire uwo muriko muraganira. Igihe kimwe, Yezu yarashimiye umwanditsi umwe “yishuranye ubwenge.” (Mr 12:34) Woshimira gute umuntu yishuye neza ikibazo umubajije?
RABA IGICE CA MBERE C’AKAVIDEWO KAVUGA NGO NUKORE IGIKORWA YEZU YAKOZE: KWIGISHA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni kubera iki twovuga ko atariko yigisha neza naho ivyo ariko arigisha ari ukuri?
Ni kubera iki dukwiye gukora n’ibindi uretse gusa gusigura amakuru?
RABA IGICE CA KABIRI C’AKO KAVIDEWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni mu buryo ubuhe uwo muvukanyi yakoresheje neza ibibazo?
Turavye ingene yigisha, hari ibindi twomwigirako?
Ivyo twigisha bigira ingaruka izihe ku bandi? (Lk 24:32)