UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukoreshe neza ibikoresho nyamukuru bidufasha kwigisha Bibiliya
Guhindura abantu abigishwa ni nko kwubaka inzu. Kugira twubake inzu neza, dutegerezwa kwiga gukoresha neza ibikoresho dufise. Turakwiye canecane kwiga gukoresha neza Ijambo ry’Imana, ryo gikoresho cacu nyamukuru. (2Tm 2:15) Turakwiye no gukoresha neza ibindi bitabu n’amavidewo dukoresha mu kwigisha Bibiliya, dufise intumbero yo guhindura abantu abigishwa.a
None worushiriza gute gukoresha neza ivyo bikoresho nyamukuru? (1) Nusabe umucungezi wanyu w’umugwi agufashe, (2) nukorane n’umwamamaji azi utuntu n’utundi canke umutsimvyi, (3) niwimenyereze kenshi gashoboka. Niwakoresha ivyo bitabu n’amavidewo ubigiranye ubuhanga, uzokwironkera umunezero mu gikorwa turiko turarangura co kwubaka mu buryo bw’ikigereranyo.
IBINYAMAKURU
UDUTABU
IBITABU
UDUPAPURO TW’INKURU NZIZA
AMAVIDEWO
UBUTUMIRE
UDUKARATA TWA JW.ORG
a Hari ibitabu usanga vyerekeye abantu kanaka tudakoresha mu kwigisha Bibiliya. Twobikoresha gusa mu gihe bikenewe.