UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 ABAKORINTO 11-13
“Ihwa mu mubiri” wa Paulo
Muri Bibiliya, akenshi amahwa akoreshwa mu mvugo y’ikigereranyo. Ashobora kwerekeza ku bantu babuza abandi amahoro canke babateza ingorane, canke ku bintu biteza ingorane. (Gh 33:55; Img 22:5; Ezk 28:24) Igihe Paulo yavuga ivyerekeye “ihwa mu mubiri” wiwe, ashobora kuba yashaka kuvuga intumwa z’ikinyoma canke abandi bantu batemera ko Paulo yari intumwa kandi bakanegura igikorwa ciwe. Ivyanditswe bikurikira vyerekana ko ‘ihwa Paulo yari afise mu mubiri’ rishobora kandi kuba ryerekeza kuki?
‘Ihwa ugendana mu mubiri’ ni irihe?
Wokwiheka gute kuri Yehova kugira agufashe kwihangana?