UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 20-21
Yehova yama ashitsa ivyo asezerana
Yehova yarahaye impera Aburahamu na Sara kubera ukwizera kwabo mu kubaha umwana w’umuhungu. Mu nyuma igihe bashikirwa n’ikigeragezo, ukugamburuka kwabo kwarerekanye ko bizera cane ivyo Yehova yasezeranye.
Igihe ndi mu bigeragezo, nokwerekana gute ko nizera ivyo Yehova yasezeranye? Nokomeza gute ukwizera kwanje?