ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Ntwarante rup. 7
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe impumyi kwiga ivyerekeye Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Inyuguti zihindura ubuzima
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Kubaho utabona
    Be maso!—2015
  • Bariboneye urukundo mu bikorwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Ntwarante rup. 7
Mushiki wacu w’impumyi ariko arakoresha intoke ziwe mu gusoma igitabu co mu nyuguti z’impumyi.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore Ubuhanga Bwacu Mu Ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi

IGITUMA BIHAMBAYE: Abantu benshi b’impumyi ntibumva borohewe no kuyagisha abantu batazi. Ku bw’ivyo, bisaba ubuhinga kugira umuntu ashobore kubabwira inkuru nziza. Yehova aritwararika impumyi abigiranye urukundo. (Lw 19:14) Turashobora kwigana akarorero kiwe mu kwibwiriza tugafasha impumyi kumenya ibimwerekeye.

UKO WOBIGIRA:

  • ‘Rondera’ abantu b’impumyi. (Mt 10:11) Woba uzi umuntu afise incuti y’impumyi? Mu karere iwanyu hoba hariho amashure, amashirahamwe canke ibindi bigo vyoshima kwakira ibitabu bigenewe impumyi?

  • Bereke ko ubitwararitse. Igihe abantu b’impumyi ubagize abagenzi kandi ukabitwararika bivuye ku mutima, biratuma na bo boroherwa kukwiyegereza. Nugerageze gutanguza ikiyago ku bijanye n’ikintu gishimisha abo mu cibare

  • Nubafashe mu vy’impwemu. Kugira ngo ishirahamwe ryacu rifashe abafise ingorane zo kutabona, ryarasohoye ibitabu mu mero zitandukanye. Nubabaze uburyo boshima gukoresha mu kwiga. Umucungezi w’umurimo akwiye kwiyemeza neza ko uwujejwe ibitabu asaba n’ivy’abafise ubumuga bwo kutabona.

Ibitabu vy’abafise ingorane yo kutabona biraboneka mu ndimi nyinshi mu mero nk’izi:

  • Ivyafashwe amajwi biri mu duporogarama dukoresha no ku rubuga rwacu

  • Ivy’indome nininini

  • Ivyo mu nyuguti z’impumyi

  • Ivyo mu buhinga bwa none bikorana n’utwuma dusohora amajwi tukerekana n’inyuguti z’impumyi (bloc-note braille)

  • Ivyo mu buhinga bwa none bisomwa hakoreshejwe porogarama isohora ijwi ry’ibiba vyiyanditse kuri ordinateri (lecteurs d’écrans)

Amafoto: 1. Mushiki wacu ariko asoma igitabu co mu nyuguti z’impumyi. 2. Mushikiwacu ariko akoresha akamashini k’impumyi.

Umwe ariko akoresha igitabu c’inyuguti z’impumyi uwundi na we akuma gafasha impumyi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika