UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 13-14
“Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova”
Yehova ni Umurokozi yitwararikana. None yerekanye gute ko yitayeho Abisirayeli igihe bariko bava mu Misiri?
Yarabatunganije neza.—Kv 13:18
Yarabayoboye yongera arabakingira.—Kv 14:19, 20
Yararokoye abasavyi biwe bose kuva ku mwana gushika ku wukuze.—Kv 14:29, 30
Uko amakuba akomeye yegereza, ni igiki wokwizigira udakeka?—Yes 30:15