UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nugume ushikamye uko iherezo ryegereza
IGITUMA BIHAMBAYE: Hari ibintu biteye ubwoba bigiye kuba vuba, bizodusaba umutima rugabo no kwizigira Yehova kuruta ikindi gihe cose. Amakuba akomeye azotangurana no gusangangura idini ry’ikinyoma. (Mt 24:21; Ivy 17:16, 17) Muri ivyo bihe bitoroshe, birashoboka ko tuzotangaza ubutumwa bukomeye bw’urubanza ata gutinya. (Ivy 16:21) Gogi w’i Magogi azotugabako igitero. (Ezk 38:10-12, 14-16) Mu kurwanira abasavyi biwe, Yehova azoca atanguza “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivy 16:14, 16) Kugira tuzorushirize kugaragaza umutima rugabo muri ivyo bintu vyimirije, turakeneye gushikama mu bigerageza ukwizera kwacu muri iki gihe.
UKO WOBIGIRA:
Nuburanire n’umutima rugabo ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu wongere uzisunge.—Yes 5:20
Nubandanye gusenga Yehova wifatanije n’abakirisu bagenzawe.—Heb 10:24, 25
Niwame witeguriye kwisunga ubuyobozi ishirahamwe rya Yehova rituronsa.—Heb 13:17
Nuzirikane ingene Yehova yarokoye abasavyi biwe muri kahise.—2Pt 2:9
Nusenge Yehova kandi umwizigire.—Zb 112:7, 8
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IBINTU BIGIYE KUBA BIZOSABA KO TUGIRA UMUTIMA RUGABO—AGACE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Abamamaji bahuye n’ikintu ikihe gisaba kugamburuka, igihe ishengero bakukira ryashirwa hamwe n’ayandi?
Ni isano irihe riri hagati y’umutima rugabo no kugamburuka?
Kubera iki tuzokenera umutima rugabo kuri Harumagedoni?
Niwitegurire ubu ibintu bigiye kuba bizodusaba umutima rugabo
Ni inkuru iyihe yo muri Bibiliya yotuma turushiriza kwizigira ko Yehova ashoboye kuturokora?—2Ng 20:1-24