UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 17-18
Abagabo bifata ruto baramenyereza abandi bakabazeza n’amabanga
Abavukanyi bazi utuntu n’utundi baragaragaza ukwifata ruto, urukundo n’ukubona kure igihe bamenyereza abakiri bato maze bakabazeza amabanga. None bobigenza gute?
Nimuhitemwo abo mubona ko boshobora kurangura amabanga yiyongereye
Nimubasigurire mu buryo butomoye ivyo basabwa kugira ngo barangure iryo banga
Nimubahe ibikenewe vyose kugira barangure igikorwa mubashinze
Nimukurikiranire hafi ingene batera imbere kandi mubabwire ko mubizigiye
NIWIBAZE UTI: ‘Ni amabanga ayahe nshobora kuzeza abandi?’