ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Ntwarante rup. 7
  • Nufashe abatohoji ba Bibiliya guheba ingeso zihumanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abatohoji ba Bibiliya guheba ingeso zihumanye
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe abatohoji ba Bibiliya kugiranira ubucuti na Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Nusenge Yehova umusabe agufashe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Nubaze ibibazo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Gukora umutohoji ku mutima
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Ntwarante rup. 7

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nufashe abatohoji ba Bibiliya guheba ingeso zihumanye

Abantu badahumanye ni bo bonyene bashobora kugiranira ubugenzi somambike na Yehova. (1Pt 1:14-16) Igihe abatohoji ba Bibiliya bahevye ingeso mbi, barashobora kwironkera ivyiza mu muryango, mu bijanye n’amagara yabo no mu vy’ubutunzi.

Nubasigurire mu buryo butomoye ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu, igituma ziriho n’ivyiza biva ku kuzisunga. Niwitunire ku gufasha abo wigisha guhindura ukuntu biyumvira, gutyo bazoshobora gukora ivyo Yehova agomba. (Ef 4:22-24) Nubakure amazinda ko babifashijwemwo na Yehova bashobora guheba ingeso mbi zashinze imizi muri bo. (Fp 4:13) Nubigishe gutakambira Yehova igihe bohejwe gukora igicumuro. Nubafashe kumenya ibintu vyobagerageza bakwiye kwirinda. Nubaremeshe gusubiriza ingeso mbi n’ibikorwa bibagirira akamaro. Biratera umunezero kwibonera ingene abo wigisha Bibiliya bagira amahinduka babifashijwemwo na Yehova.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABO WIGISHA BIBILIYA GUHEBA INGESO ZIHUMANYE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nufashe abo wigisha Bibiliya guheba ingeso zihumanye.” Neeta na Jade bahejeje kuganira n’abakurambere.

    Abakurambere hamwe na Neeta berekanye gute ko bizigiye Jade?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nufashe abo wigisha Bibiliya guheba ingeso zihumanye.” Neeta ariko arigisha Jade.

    Neeta yabandanije gute gufasha Jade?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nufashe abo wigisha Bibiliya guheba ingeso zihumanye.” Jade ariko arasaba Yehova ngo amufashe.

    Jade yarondeye gute imfashanyo iva kuri Yehova?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika